Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maz’ Abakaludaya bishura umwami mu rurimi rw’igisiriya, bati Mugenzi nyaguhoraho, uturotorere izo nzozi, twebge abasavyi bawe, duheze tukumenyeshe uko zisobanurwa.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:4
23 Referans Kwoze  

Maz’ umugabekazi, yumvise amajambo y’umwami n’abaganwa biwe, yinjira mu nzu y’amazimano, aravuga, ati Mugenzi nyaguhoraho, nta co uhagarika umutima, ngo mu nyonga hawe hahindurire:


Babgira umwami Nebukadineza, bati Mugenzi nyaguhoraho:


Kandi no ku ngoma ya Aritazeruzi, Bishilamu na Mitiredati na Tabeyeli na bagenzi babo bandi bandikiye Aritazeruzi umwami w’i Buperesi; ico cete canditswe mu nyuguti z’Abasiriya no mu rurimi rwabo.


Maze Eliyakimu na Shebuna na Yowa bishura Rabushake, bat’ Enda se turakwinginze, utubarire mu Gisiriya, kuko tucumva; ariko nta co utubaririra mu Kiyuda mu matwi y’aba bantu bari hejuru ku ruzitiro rw’amabuye.


Maze Daniyeli yishura umwami, ati Mugenzi nyaguhoraho,


Nukw abo bakuru n’ abaganwa bakondorera ku mwami Dariyo, baramubgira, bati Mwami nyaguhoraho;


Maze Batisheba akubita inkoro hasi, yunamira umwami Dawidi, aravuga, at’ Uragahora ku ngoma, mwami wanje nyen’ ingoma.


Kand’ ishengero rimugiye imbere n’irimukurikiye rirasemerera, riti Hoziyana, mwana wa Dawidi, hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, hoziyana mw ijuru.


Maz’ abanyabgenge bose b’umwami baca barinjira: ariko birabananira gusoma iyo nyandiko, no kumenyesha umwami ukw isobanurwa.


Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.


Abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi bararenguka: mbarotorera izo nzozi, ariko ntibāmmenyesha uko zisobanurwa.


Indagu z’abanyabinyoma ndazihindura ubusa, abapfumu nkabatēza ibisazi, nsubiza inyuma abanyabgenge, ubgenge bgabo nkabuhindura ubupfu.


ndamwishura, nti Mwami nyaguhora ku ngoma, mbega nobura kwiraburanirwa, igisagara ca ba sogokuruza, aho bāhambge, carabaye amatongo kand’ amarembo yaco yarahiye?


Uyu musi ko yamanutse, akabāga inka n’amashūri y’ibitegetera n’intama vy’isinzi, agatumira abana bawe bose mugenzi, n’abagabisha b’ ingabo, na Abiyatari umuherezi; none bakaba bariko bararya, banywa, bar’ imbere yiwe, bavuga ng’ Umwami Adoniya n’ahangame!


Maze Samweli abarira abantu bose, ati Mbega murabona uw’ Uhoraho yatoranije, kw ata wuhwanye na we mu bantu bose? Abantu bose bashira akamo hejuru, bat’ Umwami n’ahangame.


Bukeye, ahagarika umutima, atuma guhamagaza abanyamareba bose bo muri Egiputa n’abanyabgenge baho bose: Farawo abarotorera inzozi ziwe: ariko ntihagira ūshobora kuzimusobanurira.


Labani acita Yegari‐sahaduta: Yakobo na we acita Galedi.


Maze Eliyakimu mwene Hilukiya, na Shebuna na Yowa, bishura Rabushake, bat’ Enda se turakwinginze, utubarire mu Gisiriya kuko tucumva; ariko nta co utubaririra mu Kiyuda mu matwi y’aba bantu bari hejuru ku ruzitiro rw’amabuye.


b’imisore batagira agasembga, ariko b’indanga, bar’ uburyo mu vy’ubgenge bgose, b’abahanga mu vyo kumenya, b’insorongozi mu vy’ubgenge, kandi babereye gukora i bgami; kugira ngw abigishe inyandiko y’Abakaludaya n’ururimi rwabo.


Bamwishura ubugira kabiri, bati Mwami n’uturotorere izo nzozi, twebge abasavyi bawe, natwe duheze tukumenyeshe uko zisobanurwa.


nti Yewe Beluteshaza, umukuru w’abanyamarēba, ko nzi kw impwemu z’imana zera ziba muri wewe, kandi kw ata banga rikunanira, enda mbarira ivyo neretswe mu nzozi zanje ivy’ ari vyo, n’uko bisobanurwa.


abakuru bose b’igihugu, n’ivyēgēra vyawe, n’ abaganwa n’abacamanza n’abagabisha, bagiye inama ngo hashingwe icagezwe cawe, no gushirah’ icihanikirizo gihambaye, ngo kumara imisi mirongwitatu umuntu wese azogira imana n’imwe asaba, cank’ umuntu n’umwe, atari wewe, mugenzi, az’ atererwe mu rwobo rw’intambge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite