Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:35 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Nukw icuma n’ibumba n’umuringa n’ifeza n’izahabu bica bimenagurikira rimwe, bicika nk’umuguruka wo ku mbuga basekurirako mu ci; umuyaga urabitumura, maz’ aho vyahora ntihaba hakiboneka: maz’ iryo buye ryikubise kur’ ico gishushanyo ricika umusozi munini, ryuzura isi yose.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:35
28 Referans Kwoze  

Kuko hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; Mbere, uzokwitegereza ahiwe, umubure.


Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.


Ni co gituma bazoba nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’urume ruta mu kanya gato, babe nk’ umuguruka utwawe n’agashururu, kandi nk’umwotsi ufumba uva mu ziko.


Hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ ibiryana cank’ ivyica; kuko kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.


Ntibatsinda, kandi mw ijuru ahabo ntihaba hakiboneka.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Kuko guhangama azokwama ahangamye gushitsa ah’ azoshirira abansi biwe bose musi y’ibirenge vyiwe.


Va hasi uhūre, ewe mukobga w’i Siyoni! Kukw ihembe ryawe nzorihindura icuma, n’inzāra zo ku binono vyawe nzozihindura imiringa; kand’ uzojonjanga amahanga menshi; iminyago wabanyaze uzoyigira inyegu y’Uhoraho, n’ibintu vyabo ubigire inyegu ya Nyen’ isi yose.


Kuk’ umuyaga uricako, rikaba rishize, Ahantu haryo ntiharimenye ukundi.


Mwami, amahanga yose waremye azoza, akwikubite imbere, agusenge: Kandi bazohimbaza izina ryawe,


Abo mw isi yose bazogusenga, Bakuririmbire: Bazoririmbira izina ryawe. Sela.


Aca intambara gushitsa ku mpera y’isi, Avunagura imiheto, amacumu arayacagagura, Imikogote ikwegwa n’amafarasi ayiturira mu muriro.


Maz’ umuntu yarahaciye, asanga ata we, Mbere naramurondeye, ntiyaboneka.


Abo ku mpera zose z’isi bazokwibuka bahindukirire Uhoraho, Amoko yose yo mu mahanga azosengera imbere yawe.


Haje agasusuruko, ikazimangana, Ubushuhe bgaza, igakamirikirira ahantu hayo.


Ni mukorane, mwa mahanga mwe: ariko muzovunagurika; tega amatwi, mwebge mwese bo mu bihugu vya kure: mukenyere, ariko muzovunagurika! Mukenyere, ariko muzovunagurika!


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite