Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Nawe uravyitegereza, ushitsa ah’ ibuye ryaziye, ridasituwe n’amaboko, ryikubita ku birenge vy’ivyuma n’ibumba vy’ico gishushanyo, rirabimenagura.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:34
25 Referans Kwoze  

Akenge kiwe kazotuma ivy’ ubugunge birorana; azokwīgira agahambaye mu mutima wiwe, ageseze benshi ata co binona; mber’ azohaguruka kurwanya Umwami w’abami; arikw azovunagurika, ata wumukozeko.


Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya.


Kukw ihanga n’ubgami bitazokwemera kugukorera bizohona; ni koko ayo mahanga azogesezwa rwose.


Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.


Aranyishura, ati Ngiri ijambo Uhoraho atumye kuri Zerubabeli, ati Si kubg’ inkomezi, si kubg’ ubushobozi, ariko ni kubga Mpwemu wanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kand’ ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’ Īsumba vyose; ubgami bgayo n’ubgami buzokwamaho, kand’ abami bose bazoyikorera bayumvire.


ni co gitumye Umwami Uhoraho avuga, ati Rāba, ndashira i Siyoni ibuye ryo kuba itanguriro, ibuye ryagejejwe, ari ryo ryo kugumya imfuruka, riri n’igiciro, rishikamye cane; kand’ uwizera ntazohutagiza.


Nuko mwebge abizera ni mwebge mwagerewe ico giciro, ariko ku banka kwizera, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka,


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.


Uwo ni we buye mwebge abubatsi mwātītūye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka.


ni bo batāvyawe n’amaraso, canke n’ukwifuza kw’ umubiri, canke n’ukwifuza kw’ umugabo, ariko bāvyawe n’Imana.


Ni mukorane, mwa mahanga mwe: ariko muzovunagurika; tega amatwi, mwebge mwese bo mu bihugu vya kure: mukenyere, ariko muzovunagurika! Mukenyere, ariko muzovunagurika!


amaguru yar’ ivyuma, ibirenge vyar’ ikivange c’ivyuma n’ibumba.


Nawe nyene uzovunagurirwa hagati y’abatākebge, uryame hamwe n’abahindikiranijwe n’inkota.


Hanyuma agera ikindi gihumbi, aba uruzi ntashobora kujabuka: kukw amazi yari yuzuye, yar’ asigaye ar’ ayo kujabukwa n’uwoga, uruzi ntirwari rukijabukwa igihagararo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite