Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Nuko mugenzi, wabonye igishushanyo kinini; ico gishushanyo gihambaye, gikayangana birenze urugero, cari gihagaze imbere yawe; kand’ ishusho yaco yar’ iteye ubgoba.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:31
11 Referans Kwoze  

Abo n’ibirara vy’inkazi, kandi bateye ubgoba: uguhana no gutikiza ni bo bivako.


nuko nanje ngira ngutēze abantu b’akavantara b’agaterabgoba bo mu mahanga, basokore inkota zabo ngo barwanye ubgiza bg’ubgenge bgawe, bafutanye igitinyiro cawe.


Kandi nzohana ab’ isi kubg’ ibibi vyabo, n’abanyakibi kubg’ ukugabitanya kwabo; nzomara amanyama abibone, n’ ukwishira hejuru kw’abantu b’ agaterabgoba nzogusubiza hasi.


Aramudūgana, amwereka ubgami bgose bgo mw isi mu kanya gato.


Umurwanizi yongera kumujana ku musozi uhagaze cane, amwereka ubgami bgose bgo mw isi n’ubgiza bgabgo,


Umwami Nebukadineza yakoze igishushanyo mw izahabu, uburebure bgaco bgar’ amatambge mirongwitandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ amatambge atandatu: agihagarika mu kiyaya c’i Dura, mu ntāra y’i Babuloni.


Nuk’ uwo mwanya ubgenge bganje buragaruka, ubgiza bg’ubgami bganje n’igitinyiro canje, n’ugukayangana kw’ ivy’ icubahiro canje bingarukako. Maz’ abajanama banje n’abaganwa banje bansubizak’ umutima; ndaheza ntsimbatazwa mu bgami bganje, nongerwa ububasha buhambaye.


Nuko, inzozi n’izo; kandi turakumenyesha mwami ingene zisobanurwa.


Nuko mugenzi, wewe ur’ umwami aganza abami; Imana yo mw ijuru yaguhaye ubgami n’ububasha n’inganji n’icubahiro;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite