Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya;

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:21
40 Referans Kwoze  

Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Urirukanywe mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba; uzorisha nk’inka, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Ikenyurura inkindi z’abami, Ikabakenyeza imigozi.


Nukw Imana iha Salomo ubgenge n’ubuhanga bginshi cane, n’ umutima wagutse, nk’ukw isēsero ry’umusenyi wo ku kiyaga ryagutse.


Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika.


Nukw Abisirayeli bose bumvise uk’ umwami yaciye urwo rubanza, baca baramutinya, kuko bābonye k’ubgenge buva ku Mana buri muri we bgo guca imanza.


kandi ndamwujuje impwemu yanje, kugira ngw agire ubgenge no gutahura no kumenya n’ubuhinga bg’uburyo bgose,


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


Ariko ni mutammenyesha izo nzozi, igihano muzohanwa ni kimwe; kuko mwagiye ingingo yo kumbarira amagambo y’ibinyoma n’ubuhumvyi, ngw ejo buzocana ayandi. Nuko rero ni mumbgire izo nzozi, mpeze mmenye ko mushobora no kuzinsobanurira.


Uhoraho aguhe ubgenge n’ugutahura, kugira ngo ni yagushikiriza Abisirayeli uz’ ubone kwitondera ivyagezwe vyiwe, Uhoraho Imana yawe.


Mu bihugu vyose vyo mw isi hāhora haza abagomba kubona Salomo, no kwumva ivyo avugishwa n’ubgenge Imana yashize mu mutima wiwe.


Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, ng’ UMWAMI W’ABAMI, ŪGANZA ABAGANZA.


Hashize imyaka bazokwuzura, kuk’ umukobga w’umwami w’i bumanuko azoja kwābīrwa ku mwami w’i burārūko, ngo bibuzuze; arik’ ubushobozi bg’uwo mukobga buzoyongayonga, kand’ uwo mwami na we ntazohangama, cank’ ububasha bgiwe; arik’ uwo mukobga azotanganwa n’abamuzanye n’umuvyeyi wiwe, n’uwamushigikira ico gihe.


hamwe n’ivyabaye ku ngoma yiwe vyose, n’ivy’ ubuhizi yakoze, n’ ivyabaye kuri we no ku Bisirayeli, no ku bami bose bo mur’ ivyo bihugu.


Kandi rāba, ndamushizeko Oholiyabu mwene Ahisamaki, wo mu muryango wa Dani; kandi mu mitima y’abantu bose b’ abahinga ndayishizemw’ ubgenge, ngo bakore ivyo nakubariye vyose, ni vy’ibi:


Maz’ umwami aca abaza abanyabgenge bazi uko vyahora bigenda mu bihe vyashize; (kuk’ ukw ari k’umwami yahora agenza ku bazi ivyagezwe n’imanza bose).


Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana.


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


Daniyeli aravuga, at’ Izina ry’Imana riragahimbazwa ibihe bitazoshira, kuk’ ubgenge n’ubushobozi ar’ ivyayo:


Ndagukengurukiye, ndaguhimbaza, wewe Mana ya ba sogokuruza, umpaye ubgenge n’ubushobozi, ummenyesheje ivyo twagusavye: kuk’ utumenyesheje ivyo umwami agomba.


Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa.


asemerera n’ijwi rirenga, ati Ni wīcire ico giti, ugikokore amashami, ugihungurure amababi, usābagize ivyo camye: ibikōko bikive musi, kandi n’ibiguruka bive mu mashami yaco.


ico giti ni wewe, mugenzi; warakuze, urakomera, kuk’ ubukuru bgawe bgakuze bugashika kw ijuru, n’inganji yawe igashika ku mpera y’isi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite