Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Daniyeli aravuga, at’ Izina ry’Imana riragahimbazwa ibihe bitazoshira, kuk’ ubgenge n’ubushobozi ar’ ivyayo:

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:20
25 Referans Kwoze  

Izina ry’Uhoraho rishemagizwe, Uhereye none ugashitsa ibihe bidashira.


Arikw iyo yo ni yo ifise ubgenge n’inkomezi; Ni yo ifise inama no kumenya.


Bavuga n’ijwi rirenga, bat’ Umwagazi yishwe abereye guhabga ububasha n’ubutunzi n’ubgenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha.


ur’ umujanama ahambaye, ur’ umunyenkomezi mu bikorwa; inyonga zawe zītegereza ingeso zose z’abana b’abantu, kugira ng’ ugerere umuntu wese ibikwiranye n’ ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyamuje.


Umwami wacu arahambaye, n’umunyenkomezi nyinshi; Ubgenge bgiwe n’akaburarugero.


Ariko, Īshobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y’ubgiza bgayo mudafise agasembga munezerewe cane,


Inama nziza n’iyanje, bo n’ ubgenge bushitse, Ni jewe kumenya, ndi n’inkomezi.


Ariko tweho tuzohora dushemagiza Uhoraho, Uhereye none, ugashitsa ibihe vyose. Haleluya!


at’ Uhoraho ahimbazwe, ahaye impore abantu biwe b’Abisirayeli nk’uko yabasezeraniye; nta jambo na rimwe ritāshitse mu vyiza vyose yasezeraniye mu kanwa ka Mose umusavyi wiwe.


kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]


Imana yavuze rimwe; Navyumvise kabiri; Ngw Imana ni yo ifise inganji:


Umuntu wese anshikanira ikimazi c’ishimwe aba ampesheje icubahiro: Kand’ ūtunganya ingeso ziwe Nzomwereka agakiza k’Imana.


Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ahimbazwe, Uhereye kera hose, ukageza ibihe vyose, Amen, kandi Amen.


Nukw amaze kuja inama n’ abantu, ashirahw abo kuririmbira Uhoraho no kumutāzīra, bashazishije ukwera, kugira ngo bagende bītangiye imbere y’ingabo, baririmbe, bati Ni mushime Uhoraho, kukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.


Dawidi araheza abarira iryo koraniro ryose, at’ Enda ni muhimbaze Uhoraho Imana yanyu. Nukw ikoraniro ryose bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza, bunamika amaso, bakubita inkoro hasi imbere y’Uhoraho n’imbere y’umwami.


kand’ Imana Isumba vyose iragahezagirwa, yagushize abansi mu maboko! Nuko Aburamu amuha ikigiracumi muri vyose.


Haleluya! Yemwe basavyi b’Uhoraho, ni mushime, Ni mushime izina ry’Uhoraho.


ni ko ga! Urusha Daniyeli ubgenge, nta gihishijwe uyoberwa!


Nukw abo Balewi, Yosuwa na Kadimiyeli na Bani na Hashabuneya na Sherebiya na Hodiya na Shebaniya na Petahiya baca baravuga, bati Ni muve hasi muhimbaze Uhoraho Imana yanyu, nk’uko vyamye uhereye kera hose ugashitsa ibihe bitazoshira. Baraheza bahimbaza izina ryiwe ry’icubahiro, ari ryo rishizwe hejuru gusumba ah’ ugushima kwose n’uguhimbaza kwose bigarukira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite