Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Maze Daniyeli abgirana Ariyoki umukuru w’abashibamyi b’umwami ubgenge n’ukwitonda; ni we yari yagomowe kwica abanyabgenge b’i Babuloni.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:14
8 Referans Kwoze  

Nuko Daniyeli yinjira kwa Ariyoki, uwo umwami yari yageze kugeseza abanyabgenge b’i Babuloni; aramubgira, ati Ntugeseze abanyabgenge b’i Babuloni: enda nshikiriza umwami, ndamumenyeshe uko bisobanurwa.


Maz’ ingabo zose z’Abakaludaya zari kumwe n’uwo mukuru w’abashibamyi, zisangangura inzitiro zose z’i Yerusalemu impande zose.


Maze mu kwezi kwa gatanu, ku musi wakwo ugira icumi, mur’ uwo mwaka ugira icumi n’icenda umwami Nebukadineza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi, yahora ahagarara imbere y’umwami w’i Babuloni, yinjira i Yerusalemu.


Maze Nebuzaradani, umukuru w’abashibamyi, ajana i Babuloni amasigarira y’abantu bāri bagisigaye mu gisagara, n’abāri bāragiye kumwisaba, n’amasigarira y’abantu bāri bagisigaye, abajana ar’ inyagano.


Ba Bamidiyani, bashikanye Yosefu muri Egiputa, bamugura na Potifari, umugendanyi wa Farawo, yaganza abamushibamira.


Abaza Ariyoki umushibamyi w’umwami, at’ Igituma habaye icagezwe c’ikibiriraho kivuye ku mwami n’iki? Nuko Ariyoki abimenyesha Daniyeli ivy’ ari vyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite