Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ivyo bitera umwami kuraka, arashangashirwa rwose, agera ko bageseza abanyabgenge b’i Babuloni bose.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:12
14 Referans Kwoze  

Nuko Nebukadineza araraka, arashungumirwa, avuga ko bafata Shaduraka na Meshaki na Abedunego. Nuko babazana imbere y’umwami.


Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.


Maze Nebukadineza uburake buca buramusaza, mu nyonga hiwe harahindurira, atera igitsure Shaduraka na Meshaki na Abedunego: agera ko bakomanya itanure ngo rirushe uko ryahora ryaka ibihetangabo ndwi.


N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.


Nuk’ umwami yishura Abakaludaya, ati Vyamvuyeko: kandi ni mutammenyesha izo nzozi n’ingene zisobanurwa, muzohimbagurwa, kand’ ingo zanyu zizosigara ar’ amatongo.


Umuntu ashungumirwa avyura imitongano, Kand’ umuntu w’inkazi agira ibicumuro vyinshi.


Ugushangashirwa kw’umwami ni nk’ukwivuga kw’ intambge, Ūmurakije aba yicishije umutwe.


Uburake bg’umwami ni nk’ ukwivuga kw’intambge, Arikw ineza yiwe ni nk’ikime gihēmbūra ivyatsi.


Uburake bg’umwami ni nk’ intumwa zo kugeseza, Arik’ umuntu w’umunyabgenge arabuhwamika.


Ereg’ igipfu ni co cicwa n’ umwikomo, N’imburabgenge ni yo yicwa n’ishari.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; ūzotuka mugenzi we, ngo Wa kijuju we! azoba ashikiwe no gucirwakw iteka; ūzomutuka, ati Wa gipfu we! azoba ashikiwe no gutabga mu muriro wa Gehinomu.


Nuko Daniyeli yinjira kwa Ariyoki, uwo umwami yari yageze kugeseza abanyabgenge b’i Babuloni; aramubgira, ati Ntugeseze abanyabgenge b’i Babuloni: enda nshikiriza umwami, ndamumenyeshe uko bisobanurwa.


Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite