Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ico utugobererako kiragoye, kandi nta wundi ariho yoshobora kucerekana imbere yawe, mwami, atar’ imana, na zo ntizibana n’abafise umubiri.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:11
25 Referans Kwoze  

kuko mu gihugu cawe har’ umuntu arimw’ impwemu z’imana zera. Kandi ku ngoma ya so umuco no gutahura n’ubgenge buhwanye n’ubgenge bg’izo mana vyabonetse muri we. Kandi so umwami Nebukadineza, umwami so yakuvyaye, yamugize umukuru w’abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi;


Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.


Yesu aramwishura, ati Ni hagira ūnkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we.


ni we Mpwemu w’ukuri, uwo ab’ isi badashobora kwākīra, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kukw abana namwe kand’ azoba muri mwebge.


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Yesu arabītegereza, arababgira, ati Kubg’ abantu ico ntigishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Kandi nzoba hagati mu Bisirayeli, mbe Imana yabo.


Farawo abarira Yosefu, ati Kw Imana ikweretse ivyo vyose, nta wundi munyabgenge w’umuhanga muhwanye;


Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.


Kandi nzohōra amaraso yabo ntaribgahōre: kuko jewe Uhoraho mpangamye i Siyoni.


Ehe twe n’abana Uhoraho yampaye tur’ abo kubera Abisirayeli ibimenyamenya n’ibitangaza biva k’Uhoraho Nyen’ ingabo aba ku musozi Siyoni.


At’ Aha ni ho buruhukiro bganje ibihe bidashira: Aha ni ho nzoba; kuko nahagomwe.


Uradūze, uja iyo hejuru, ujanye iminyago, Uhērewe ingabire hagati y’ abantu: Mbere uzihērewe hagati y’ abagarariji na bo, kugira ng’ Uhoraho Imana abane na bo.


Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kubana n’abantu mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!


Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kuba mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!


Ntimuze muhumanye igihugu muzobamwo, ico nzoba ndimwo hagati: kuko jewe Uhoraho mba hagati mu Bisirayeli.


Maz’ abo banyamarēba babarira Farawo, bat’ Ibi bitewe n’ urutoke rw’Imana. Arik’ umutima wa Farawo urakomantara, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’ uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Bukeye, ahagarika umutima, atuma guhamagaza abanyamareba bose bo muri Egiputa n’abanyabgenge baho bose: Farawo abarotorera inzozi ziwe: ariko ntihagira ūshobora kuzimusobanurira.


Nuko hagararana amahezayo yawe, n’ivy’ ubupfumu bgawe uko bingana, ivyo wakobereje uhereye mu buto bgawe: namba kumbure vyogira ico bikumarira, namba kumbure vyogushoboza.


Jewe Nebukadineza nari ngaho ngazagaza mu nzu yanje, ndibamye mu nzu y’ubgami.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite