Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maz’ Abakaludaya bishura umwami, bati Mwami, nta muntu n’umwe wo kw isi yoshobora kukumenyesha iryo jambo; kukw ata mwami cank’ umuganwa cank’ umutware yigeze gusobanuza umunyamarēba n’umwe cank’ umupfumu cank’ Umukaludaya ben’ iryo jambo.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:10
5 Referans Kwoze  

Daniyeli yishura umwami, at’ Ibanga wasobanuza nta banyabgenge boshobora kurikumenyesha mwami, cank’ abapfumu cank’ abanyamarēba cank’ abamenyi;


Wacumukujwe n’abakugīra inama benshi; abaragurisha ijuru, n’abaragurisha inyenyeri, na bamwe bahora bakumenyesha ibigira bikubeko, uk’ ukwezi kubonetse, ni baze bagukize.


Umwami aca ahamagaza abanyamarēba n’abapfumu n’abarozi n’Abakaludaya, ngo bamubarire inzozi ziwe. Nuko bararenguka, bahagarara imbere y’umwami.


Maz’ uwo mwanya Abakaludaya bamwe bīgira hafi barega Abayuda.


Abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi bararenguka: mbarotorera izo nzozi, ariko ntibāmmenyesha uko zisobanurwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite