Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mu mwaka ugira kabiri Nebukadineza ari ku ngoma, yarose inzozi; nukw ahagarika umutima, itiro ryiwe riraguruka.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:1
14 Referans Kwoze  

Ndota inzozi zintera ubgoba; ivyiyumviro nagize ndi ku kirwa, bo n’ivyo nerekewe mu mutwe bimpagarika umutima;


Iryo joro nyene umwami abura itiro; aca avuga ko bazana igitabo kidonda ibigenda biba ku ngoma yiwe, nuko bagisomera umwami.


Umwami arababgira, ati Narose inzozi, mpagaritse umutima wo kuzimenya.


Ijambo ryaje kuri Yeremiya ku vy’abantu bose b’i Buyuda mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma; ni wo war’ umwaka wa mbere wa Nebukadineza umwami w’i Babuloni wo kuba ku ngoma.


Nuk’ umwami asubira mu ngoro yiwe, akesha ijoro adafūnguye, ata n’ivyo kumunezereza bamuzanira; ntiyaruha agoheka.


Maz’ umwami Belushaza aranduka umutima, mu nyonga hiwe harahindurira, abaganwa biwe bagwa igihumura.


Mu mwaka wa mbere Belushaza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Daniyeli yarose inzozi, abona ivyo yerekewe mu mutwe, ari ku buriri bgiwe. Maze yandika ivyo yarose, arobanuramw’ ingingo zavyo zikomeye.


Mbonye kw ari vyiza guserura ibimenyetso n’ibitangaza Imana isumba vyose yankoreye.


Maze jewe Daniyeli, umutima untunturiramwo, uhagarikwa n’ ivyo nabonye nerekewe mu mutwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite