Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 12:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; numva arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kand’ ati Ni bamara guca ubgoko bgera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 12:7
30 Referans Kwoze  

Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Umugore ahabga amababa abiri y’inkukuma nini, kugira ngw agurukire mu bugaragwa ahantu hiwe, ah’ agaburirirwa igihe n’ibihe n’igice c’igihe, arindwa ico kiyoka.


Ububasha bgiwe buzoba bukomeye, ariko ntibuzoba ar’ ububasha bgiwe ubgiwe. Azogeseza bitangaje, akore ivyo yigombeye, atunganirwe; azogeseza abahambaye bo n’ubgoko bg’abera.


Gihabga akanwa kavuga ibihambaye n’ivyo kurogota: gihabga n’ubushobozi bgo gushishikara amezi mirongwine n’abiri.


Umugore ahungira mu bugaragwa, ah’ afise ahantu yateguriwe n’Imana, kugira ngo bamugaburirireyo imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu.


Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


kand’ uzorahira uguhoraho kwanje Uhoraho mu vy’ukuri no mu biroranye no mu bugororotsi, maz’ amahanga azohezagiranira muri jewe, kandi ni jewe azokwirata.


Kandi bazobita Ihanga ryera, Abācunguwe n’Uhoraho; kand’ uzokwitwa Ahārondewe, Umurwa utāhebge.


kugira ngw abasumbishe ayandi mahanga yose yaremye, muyarushe gushemagizwa no kwāmāmara no kwubahwa, mubere Uhoraho Imana yanyu ihanga ryera, nk’uko yavuze.


Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu; kand’ Uhoraho Imana yanyu yabatoranije mu mahanga yose yo mw isi ngo mube ihanga yiharije.


Umwe abaza wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, at’ Ivyo bitangaza bizoshitsa ryari?


kuk’ umwami w’i burārūko azogaruka, akagomora ingabo ziruta iza mbere; hashize imyaka azozana ingabo nyinshi n’isanduruma y’intekera.


Aranyishura, ati Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu; ni ho ahantu hēra hazobona guhumanuka.


Mbere mmanitse ukuboko kwanje, ndagutunze mw ijuru, Nti Ndahiye ukubaho kwanje, nk’uko namah’ ibihe vyose,


Nukw ibi mubishirekw imitima, yuko mudakwiye kubanza kwiyumvira ivyo muzokwireguza:


ati Ndahiye uguhoraho kw’ Imana, ari yo yandīririye urubanza, Ni yo Īshobora vyose, yagiriye nabi ubugingo bganje,


Kand’ iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa n’icubahiro n’ishimwe Ivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira,


ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Īvyagiye kur’ iyo ntebe, bagasenga Ībaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe, bavuga,


Ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ku musi natoranijeko Isirayeli, nkamanika ukuboko ndahiye uruvyaro rw’inzu ya Yakobo, nkabiyerekera mu gihugu ca Egiputa, igihe namanika ukuboko mbarahira, nti Nd’Uhoraho Imana yanyu;


Nunamuye amaso mbona umuntu yambaye impuzu zera, akenyeje izahabu nziza zavuye muri Ufazi.


Ndavyumva, ariko sinabitahura; nca ndabaza, nti Databuja, ikizoherukira ibindi mur’ ivyo n’ikihe?


Kuk’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe, Azokwirīmbūra ku vyo agirira abashumba biwe, Ni yabona yuk’ ubushobozi bgabo buheze, Ata wugisigaye, n’iyo yoba imbohe cank’ uwidegemvya.


Iryo jambo umwami akirikūra mu kanwa, haza ijwi rivuye mw ijuru, riti Yewe mwami Nebukadineza, ni wewe ubarirwa; ubgami ubukūwemwo.


Maze nitegereje mbona iryo hembe rirwanya abera, rirabanesha,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite