13 Nuko ni wīgīre, urīndīre iherezo; kuk’ uzoruhuka, kand’ uzohagarara mu mugabane wawe, kw iherezo ry’iyo misi.
Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbgira, rit’ Andika, ut’ Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga, at’ Ego me, ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.
Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.
at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni wagendera mu nzira zanje, ukitondera ivyo nakujeje, nawe uzogaba ivyo mu ngoro yanje, urinde n’urugo rwanje, kandi nzoguha ubgishikira hagati mur’ aba bahagaze hano.
Kand’ abāgize ubgenge bazokayangana nk’ugukayangana kwo mw itāzānure ry’ijuru, n’abashikanye benshi ku bugororotsi bazokwaka nk’inyenyeri ibihe bitazoshira.
Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yuko mwebge abankurikiye, ah’ Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe co kuvyarwa ukundi gusha, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.
Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.
Uhoraho ni we mugabane w’umwandu wanje n’uw’ igikombe canje, Ni wewe ukomeza umugabane wanje.
no kwishura mwebge abayaterwa kuruhukana natwe, ah’ Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe,
Ni co gituma ababi batazoshobora guhagarara ku musi w’amateka, Cank’ abanyavyaha mw ikoraniro ry’abagororotsi.
Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.
Aramwishura, at’ Ubganje nzokwijanira namwe, mbashikane amahoro.
Ni co gituma umutima wanje uhimbarwa, ubgiza bganje bukanezerwa, Kandi n’umubiri wanje uzoba ahatagira inkomanzi.