Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 12:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uhereye igihe kizokūrirwaho, bagashinga ca kizira c’ubuyobe cazanye ubugesera, hazocah’ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwicenda.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 12:11
14 Referans Kwoze  

Azogomora ingabo ziwe, zihumanye ahēra n’iboma yaho, bakūreh’ ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, bahashinge ikizira c’ubuyobe kizana ubugesera.


Nukw aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana — ūsoma ni yiyubare —


Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire,


Kand’ azosezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe: ni ryagera hagati azokūrah’ ibimazi n’amashikanwa; ūgeseza azoza kw ibaba ry’ibizira; maz’ ubuyobe buzosukwa kur’ uyo ageseza, gushitsa ku muhero washinzwe.


Gihabga akanwa kavuga ibihambaye n’ivyo kurogota: gihabga n’ubushobozi bgo gushishikara amezi mirongwine n’abiri.


Intangaro y’urusengero uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga: kandi n’igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongwine n’abiri.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Kand’ ivyerekanywe vy’ubgira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ ukuri; arik’ ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kukw ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.


ati Ndakwinginze utugerageze twebge abasavyi bawe imisi cumi, baduhe indya z’insoromano, abe ari zo turya, n’amazi yo kunywa;


Umugore ahungira mu bugaragwa, ah’ afise ahantu yateguriwe n’Imana, kugira ngo bamugaburirireyo imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu.


Maz’ urangije ivyo, uz’ uheze uryamire urubavu rw’i buryo, wishirekw ibigabitanyo vy’inzu ya Yuda: nguciriye imisi mirongwine, umusi‐umusi uhwana n’umwaka.


Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:


Ibi abe ari vyo uzohora utangira kur’ ico gicaniro: uko bukeye, uz’ utange abagazi b’ intama babiri batarengeje umwaka, ubudasība.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite