Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 12:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maz’ ico gihe Mikayeli azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw ico gihe umuntu wese wo mu bgoko bganyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 12:1
48 Referans Kwoze  

Ew’ amagorwa ari hano! Kuk’ uwo musi uhambaye, nta wuhwanye na wo: n’igihe c’umubabaro wa ba Yakobo; yamara bazogikizwa.


Kuko mur’ iyo misi hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho.


Kukw iyo misi izoba iy’ amarushwa atigeze kubaho, kuva kw itanguriro ry’ibiremwa Imana yaremye ugashitsa n’ubu, kand’ atazokwongera kubaho.


Ariko segaba w’ ubgami bg’i Buperesi yamaze imisi mirongwibiri n’umwe andwanya. Hanyuma Mikayeli, umwe wo mu bagabisha bahambaye, aza kuntabara; nsigarayo mu bami b’i Buperesi.


Ariko ndakubarira ivyanditswe mu gitabo c’ivy’ ukuri: kandi nta wuriho wo kuntabara kubarwanya atari Mikayeli umugabisha wanyu.


Mw ijuru havyuka intambara. Mikayeli n’abamarayika biwe barwanya ca gisato: igisato kirwanana n’abamarayika baco.


Kand’ umuntu wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabo c’ubugingo atererwa mur’ ico kiyaga caka umuriro.


Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze.


Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe.


Ariko ntimunezerezwe n’ukw izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n’ukw amazina yanyu yanditswe mw ijuru.


Maz’ ishitsa amajambo yayo yatuvuzeko twe n’abacamanza bacu bātuganza, aho yaduteza ivyago vy’ ubugesera; kuko musi y’ijuru hose ata higeze kugirirwa nk’uko Yerusalemu hāgiriwe.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


Ariko na Mikayeli, umumarayika mukuru, hamwe yatongana na wa Murwanizi, ahārīra na we bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumuhinyura ngw amucokore, ariko yamubgiye, at’ Uhoraho aguhane.


Kandi nawe, ndakwinginga, uwo dufatanije igikorwa vy’ukuri, wame ufasha abo bagore, kuko bārwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bgiza, bo na Kilementi n’abandi bāfatanya nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo.


imushize hejuru cane y’ubukuru bgose n’ububasha bgose n’ubushobozi bgose n’ubgami bgose n’izina ryose rivugwa, si mur’ iki gihe gusa, ariko no mu kizoza.


Ni vyaba birtyo, Abisirayeli bose bazokizwa, nk’uko handitswe, ngw I Siyoni hazova Umurokozi, Azokūra muri Yakobo ukutubaha Imana;


Ngo Kand’ ukuboko kwiwe kuzorwanya abo ba kamenyi berekwa ibitagira ikimazi, bakaragura ibinyoma: ngo Nta ho bazoba mu nama y’abantu biwe na mba, canke ngo bandikwe mu gitabo c’amazina c’inzu ya Isirayeli, canke ngo bashike mu gihugu c’Abisirayeli; ngo Kandi muzomenya kw ari we Mwami Uhoraho.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Maz’ ūzoba asigaye i Siyoni, n’ūzoba asigaye i Yerusalemu, umuntu wese yanditswe mu bakiriho b’i Yerusalemu, azokwitwa uwera,


Basibanganywe mu gitabo c’ ubugingo, Ntibaze bandikanwe n’abagororotsi.


Uharūra iminihiro yanje: Ushire amosozi yanje mw icupa ryawe; Mbega ntiyanditswe mu gitabo cawe?


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


Ko gutabga kwabo kwazaniye abari mw isi kwuzura n’Imana, ukugarukanwa kwabo kuzoba gute? Mbega ntikuzoba ubugingo buzutse mu bapfuye?


Azoshinga amahema yiwe y’ ubgami hagati y’ikiyaga n’umusozi wera w’ubgiza; yamar’ ageze ku musi w’iherezo ryiwe nta wuzomutabara.


Nanje Uhoraho, nzoba Imana yazo, n’ umusavyi wanje Dawidi azoba segaba muri zo; ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


Kandi nzokorera muri wewe ico ntigeze gukora, mbere ntazokwongera gukora ukundi, nguhōye ibizira vyawe vyose.


Uruzi rw’ umuriro rwiburuka ruva imbere yiwe; ibihumbi n’ibihumbi baramukorera, kand’ amasinzi n’amasinzi bari bahagaze imbere yiwe. Imanza zirashingwa, ibitabo birazingururwa.


n’umusi w’umwiza n’umuzimagiza, n’umusi w’ibicu n’ibipfungu; nk’uk’ umutwenzi utambikira ku misozi, ni kw ihanga rihambaye kandi rikomeye ritumbutse. Ntihigeze kuboneka irimeze nka ryo, kandi no hanyuma nta rizobaho nk’iryo, uhereye none, ukageza kw iherezo ry’ibihe.


Nukw abubaha Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’ igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe.


None rero ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni k’Uhoraho agize; nturanduke umutima, ewe Isirayeli: kuko rāba nzogukiza ngukūre kure, uruvyaro rwawe ndarukūre mu gihugu rwajanywemwo ar’ inyagano; Yakobo azogaruka, kand’ azoba amahoro ata nkomanzi, kandi nta wuzomutera ubgoba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite