Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 11:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 kand’ ibigirwamana vyabo na vyo, n’ibishushanyo vyavugutiwe, n’ibintu vyabo vyiza‐vyiza vy’imbombovu vy’ifeza n’ivy’ izahabu, azobinyaga abijane muri Egiputa; maz’ azomara imyaka aretse umwami w’i burārūko.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 11:8
17 Referans Kwoze  

bātereye imana zabo mu muriro; ariko ntizar’ imana nya mana, zar’ izakozwe n’intoke z’abantu mu biti no mu mabuye; ni co catumye bazihonnya.


Naho yorondoka muri bene se, umuyaga uturutse i burasirazuba uzoza, ni wo muyaga w’Uhoraho udūga uvuye mu bugaragwa; isōko yiwe izokamuka, iriba ryiwe rigaduke: azonyagwa itunga ry’ibintu vyiwe vyose vy’imbombovu bihimbaye.


Kukw ico kigirwamana candurutse ku Bisirayeli, umukozi ni we yagikoze: ereg’ ico s’Imana nya mana: mber’ iyo masa y’i Samariya izovunagurwa.


Nta binōbōye narya, nta nyama canke vino vyangera no mu kanwa kandi sinaruha nīsīga amavuta, gushitsa ah’ ayo mayinga ukw ar’ atatu yose ashiriye.


Uhoraho Nyen’ ingabo, ni we Mana y’Abisirayeli, aravuga, ati Nzohana Amona ikigirwamana c’ ahitwa No, na Farawo na Egiputa n’imana zaho n’abami baho; mbere Farawo nzomuhanana n’abamwizigira.


no ku māto yose y’i Tarushishi, no ku bishushanyo vyose binezereza.


Arabishura, ati Ko munsahuye imana zanje nironkeye, n’umuherezi wanje, mukīgīra mugasiga munyogeje, none murambaza, muti N’ibiki?


Muze musangangure ibicaniro vyabo, mumenagure amabuye bāshinze, muturire inkingi bāshingiye Ashera, mutemagure n’ ibishushanyo bibājwe vy’ibigirwamana vyabo, muzimirize amazina yavyo aho hantu vyahora.


Basiga Abanyegiputa bagihamba imfura zabo zose, Uhoraho yatsinze hagati muri bo; kand’ Uhoraho yari yaciriyekw iteka imana zabo.


Kuko mur’ iryo joro nyene nzoca mu gihugu ca Egiputa, nkica abana bose b’ imfura bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku muntu no ku gitunzwe; kand’ imana z’Abanyegiputa zose, amatēka nziciriyeko zose nzoyashitsa: nd’ Uhoraho.


None ko war’ ugomvye kugenda ni koko, kuk’ ukumbuye cane i wanyu; ariko n’iki catumye wiba imana zanje?


Hanyuma uwo mwami na we azotera igihugu c’umwami w’i bumanuko, maz’ asubire mu gihugu ciwe.


Abafilisitiya batayo ibigirwamana vyabo; Dawidi n’ ingabo ziwe barabijana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite