Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 11:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ariko mu ngundu zo ku gishitsi c’i wabo hazovyuka ūzosubira ku ngoma ya se, azoja mu ngabo, atere amaboma y’ umwami w’i burārūko ayinjire, abaho abagire ukw agomba, agire intsinzi;

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 11:7
14 Referans Kwoze  

Maz’ Imana iramubgira, iti Wa gipfu we, mur’ iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde?


Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.


Kukw iyo ndahiro yarahiye yayihinduje ubusa kwica isezerano; mbere yari yaramanitse ukuboko arahira, kandi none yakoze ivyo vyose: eka ntazorokoka.


Warababaditse, mbere bashinga imizi; barakura, mbere no kwama barāma: uhora hafi mu kanwa kabo, arik’ ukaba kure y’imishaha yabo.


Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kand’ umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.


Ni co kizotuma Uhoraho azoca Abisirayeli umutwe n’umurizo, ishami ry’ikigazi n’umubere, ku musi umwe.


Imisi yiwe n’ibe mike, Ububgiriza bgiwe busubiremw’ uwundi.


Ariko wewe Mana, ba bandi uzobamanukana muri rwa rwobo rw’amahonero; Abicanyi n’ingunge ntibazocagatiza imisi y’ubugingo bgabo; Ariko jeho nzokwama nkwizigira.


Kuko harih’ ivyizigiro vy’ igiti, iyo giciwe, yuko kizokwongera kunaga, Kand’ ibitontomya vyaco ko bitazobura.


Hashize imyaka bazokwuzura, kuk’ umukobga w’umwami w’i bumanuko azoja kwābīrwa ku mwami w’i burārūko, ngo bibuzuze; arik’ ubushobozi bg’uwo mukobga buzoyongayonga, kand’ uwo mwami na we ntazohangama, cank’ ububasha bgiwe; arik’ uwo mukobga azotanganwa n’abamuzanye n’umuvyeyi wiwe, n’uwamushigikira ico gihe.


Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite