Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 11:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Abakora ibibi vyo kurwanya isezerano azobazimirisha akarimi keza; arikw abantu bazi Imana yabo bazoshikama bakore ibikomeye.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 11:32
27 Referans Kwoze  

Kandi nawe, mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ ukunze; kuk’ Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona, ariko ni wamuvako, azoguheba gushitsa ibihe vyose.


Kand’ abazi izina ryawe bazokwizigira, Kuko wewe, Uhoraho, udahemukira abakurondera.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


Nzobaha gukomezwa nanje Uhoraho, na bo bazogendagendera mw izina ryanje, ni k’Uhoraho agize.


Kandi ntibazoba bacigishanya, ng’ umuntu wese yigishe mugenzi we, canke ngo yigishe uwo bavukana, ati Menya Uhoraho; kuko bose bazonyimenyera, uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’ icaha cabo sinzocibuka ukundi.


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


Ururimi rubesha rwanka abo rwakomerekeje, Kand’ akanwa gahemana kazana uguhona.


Icabona c’ibinyoma ntikizobura guhanwa, Kand’ ūvuga ivy’ ubuhūmvyi ntazokira.


Umuntu wese muri bo ahabga imvune yera, babarirwa kumara iyindi misi baruhuka, gushitsa ah’ igitigiri c’abagurano bagenzi babo na bene Se, bagira bicwe nka bo, kizoshikira.


Bukeye mu gishingo ciwe hazovyuka umuntu w’inkēngērwa, atāhawe icubahiro c’ubgami; arikw azoza mu gihe c’impore, yironkeshereze ubgami ubuhemanyi.


Ni bakorokera mur’ ivyo vyago, bazofashwa buhoro: ariko benshi bazokwifatanya na bo mu buryarya.


Mbitegereje, mva hasi mbarira abakuru n’abaganza n’abandi bose, nti Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba, murwanire bene wanyu, n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagore banyu n’ingo zanyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite