Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 11:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Azogomora ingabo ziwe, zihumanye ahēra n’iboma yaho, bakūreh’ ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, bahashinge ikizira c’ubuyobe kizana ubugesera.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 11:31
18 Referans Kwoze  

Ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uhereye igihe kizokūrirwaho, bagashinga ca kizira c’ubuyobe cazanye ubugesera, hazocah’ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwicenda.


Kand’ azosezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe: ni ryagera hagati azokūrah’ ibimazi n’amashikanwa; ūgeseza azoza kw ibaba ry’ibizira; maz’ ubuyobe buzosukwa kur’ uyo ageseza, gushitsa ku muhero washinzwe.


Nukw aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana — ūsoma ni yiyubare —


Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire,


Kand’ amahembe cumi wabonye ni yo bami cumi batarīma, ariko bahabga kuganziriza hamwe na ca gikōko nk’abami nyene, kumara isaha imwe.


Ariko ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ ubuyobe bgaho bugira bushike.


Kand’ ivyerekanywe vy’ubgira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ ukuri; arik’ ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kukw ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.


Ububasha bgiwe buzoba bukomeye, ariko ntibuzoba ar’ ububasha bgiwe ubgiwe. Azogeseza bitangaje, akore ivyo yigombeye, atunganirwe; azogeseza abahambaye bo n’ubgoko bg’abera.


Kand’ arababgira, ati Ni muhumanye iyi ngoro, mwuzuze inyubakwa imivyimba: hogi ni mugende. Nuko baragenda, batikiza abo mu gisagara.


Umwami Imana yashibuye igicaniro ciwe, yazinutswe ahēra hiwe, Yagabuye mu maboko y’ abansi ibigo vy’ingoro z’i Siyoni: Bāyogoreye mu ngoro y’ Uhoraho, nko ku musi mukuru washinzwe.


Umurwanizi yashingirije ukuboko kwiwe ibintu vyaho vyose bihimbara: Kandi hitegereje ingen’ abanyamahanga binjiye ahantu haho hēra, Abo wari warahakaniye ko badakwiye kwinjira mw ikoraniro ryawe.


Kuk’ uruvyaro rwa Yuda bakoze ibibi mu nyonga zanje, ni jewe Uhoraho mbivuze; bashize ibintu vyabo vy’ubuyobe mu ngoro yitirirwa izina ryanje, ngo bayihumanye.


Kuko bāntaye, bagahumanya aha hantu, bakahoserereza imibavu izindi mana batigeze kumenya, bo na ba sekuruza n’abami b’i Buyuda; bakuzuza aha hantu ibitenga vy’ amaraso y’abatācumuye;


Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite