Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 11:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Maz’ azokwiyungunganya mu bubasha bgiwe n’ ubugabo, azogomora ingabo nyinshi atere umwami w’i bumanuko; kand’ umwami w’i bumanuko azokwitabara mu ntambara, afise ingabo nyinshi cane z’ubuhizi; ariko ntazomuhagarara mu mutwe, kuko bazomuryaruka.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 11:25
6 Referans Kwoze  

Nuko none ngira nkwereke ivy’ ukuri. Haracasigaye abandi bami batatu bazokwima i Buperesi; arik’ uwa kane azorusha abandi bose ubutunzi bginshi: uwo ni yamara kuba umunyabushobozi kubg’ ubutunzi bgiwe, azogomora ingabo zose ngw atere ubgami bg’i Bugiriki.


Uwigungirako vyose avyura imitongano, Arik’ uwizigira Uhoraho agira itōto.


Umuntu w’inkazi avyura ibihāri, Arik’ ūteba kuraka ahwamika imitongano.


Hanyuma abana biwe bazovyura intambara, bakoranye isinzi ry’ingabo nyinshi; zizotera zisendanishe, zidwēbēre mu gihugu, maze zizokebanuka zirwana, kugeza no kw iboma y’umwami w’i bumanuko.


Nuk’ umwami w’i bumanuko azoba ūkomeye; arik’ umwe wo mu baganwa biwe azomurusha ububasha, agire inganji; kand’ inganji yiwe izoba ihambaye cane.


Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite