Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 11:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Mu gihe c’impore azotera intambara aharusha ahandi kumera mu gihugu; azokora ivyo ba sekuru na ba sekuruza batigeze gukora; azogabanganya abantu amasahu n’iminyago n’itunga; mber’ azomara igihe gitoya yīgīriye imigabo yo gutera amaboma akomeye.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 11:24
11 Referans Kwoze  

Yesu amenye ivyo biyumvira arababaza, ati N’iki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Uwo musi ni washika, hazoza ivyiyumviro mu mutima wawe, wīgīre imigabo y’ibibi:


Kuk’ uko yiyumvira mu mutima ari kw ameze: Araguhimiriza, ngo N’urye, n’unywe; Arik’ umutima wiwe udafatanije nawe.


Benshi bashemagiza ūtanga isābagire, Kand’ umuntu wese aba umugenzi w’ūkunda kugaba.


Ingabire ni nk’akabuyenge k’ igiciro kinini mu maso y’ ūyihawe, Ah’ agiye hose agira ukuboko kwiza.


Batsinda ibisagara bikomeye bifise inzitiro z’amabuye, bashikīra n’intāra zimera cane, binjira n’amazu yuzuye ivyiza vyose, bashikīra n’ ivyobo vyimbiwe kubīka amazi, n’imirima y’imizabibu n’iy’ imyelayo, n’ibindi biti vyama vy’isinzi, bararya barahāga baravyibuha, bidibamira mu vyiza vyose wabahaye.


Bamuha intete z’ifeza mirongwirindwi bakūye mu ngoro ya Bayali‐beriti; Abimeleki azihēra abantu b’imburakimazi kandi b’inshirukanya, bāgendana na we.


murābe n’ukw ico gihugu kimera canke ko kitamera, kandi ko kirimw’ ibiti canke ko bitarimwo. Kandi mushire ubgoba, muzane ku vyo ico gihugu ceze. Kand’ ico gihe car’ igihe insukoni z’isega zirungurije.


Nzoziragira mu canya ciza, kandi mu mpinga z’imisozi miremire y’i Bgisirayeli ni ho zizogira umugutu; aho ni ho zizovyagira, ziri mu mugutu mwiza, zirishe mu canya c’ubgatsi buremvye ku misozi y’i Bgisirayeli.


Kandi hagize umuntu yifatanya na we, azoca mu bugunge, kukw azodūga akaba ūhambaye, nah’ azoba afise abantu bake.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite