Daniyeli 11:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)24 Mu gihe c’impore azotera intambara aharusha ahandi kumera mu gihugu; azokora ivyo ba sekuru na ba sekuruza batigeze gukora; azogabanganya abantu amasahu n’iminyago n’itunga; mber’ azomara igihe gitoya yīgīriye imigabo yo gutera amaboma akomeye. Gade chapit la |
Batsinda ibisagara bikomeye bifise inzitiro z’amabuye, bashikīra n’intāra zimera cane, binjira n’amazu yuzuye ivyiza vyose, bashikīra n’ ivyobo vyimbiwe kubīka amazi, n’imirima y’imizabibu n’iy’ imyelayo, n’ibindi biti vyama vy’isinzi, bararya barahāga baravyibuha, bidibamira mu vyiza vyose wabahaye.