19 Maz’ azohindukiza amaso yerekeze mu maboma yo mu gihugu ciwe bgite; arikw azotsitara, ahenuke, ntaboneke ukundi.
Nzokugira agaterabgoba, kandi ntuzosubira kubah’ ukundi: naho bazokurondera, ntuzokwigera usubira kuboneka, ni k’Umwami Uhoraho agize.
Maz’ umuntu yarahaciye, asanga ata we, Mbere naramurondeye, ntiyaboneka.
Ntihagira impayamaguru icīka, cank’ umuhizi ngo hagire uwikiza; i burārūko ku nkengera y’uruzi Efurate ni ho batsitaye baratemba.
Hamwe inkozi z’ibibi zari zinziye ngo zirye inyama zanje, Ni bo barwanizi banje n’ababisha banje, bāratsitaye, baratemba.
Azoguruka nk’inzozi, ntabe akiboneka, Mber’ azokamangana nk’ibiravūswe mw ijoro.
Isi izodandabagirana nk’imborerwa, izonyiganyizwa irya n’ino nk’umutara; igicumuro cayo kizoyiremēra, kand’ izotemba, ntiyongere kuvyuka ukundi.
Ariko mu ngundu zo ku gishitsi c’i wabo hazovyuka ūzosubira ku ngoma ya se, azoja mu ngabo, atere amaboma y’ umwami w’i burārūko ayinjire, abaho abagire ukw agomba, agire intsinzi;
Ivunagura abahizi mu buryo budaserangurika, Igashira abandi mu gishingo cabo.
Nabonye umunyakibi afise ububasha buhambaye, Agasaye nk’igiti kiremvye kir’ aho cimejeje.