Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 11:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Amaze kujana izo ngabo kw inyagano, azokwikakisha mu mutima; ariko nah’ azoba ahindikiranije ingabo ibihumbi n’ibihumbi, ntazoba anesheje rwose;

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 11:12
19 Referans Kwoze  

Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.


Kandi ntakwiye kuba muto mu kwizera, kugira ngo ntiyikakishe, ngw atembe, agacirwakw iteka wa Murwanizi yaciriweko.


Akenge kiwe kazotuma ivy’ ubugunge birorana; azokwīgira agahambaye mu mutima wiwe, ageseze benshi ata co binona; mber’ azohaguruka kurwanya Umwami w’abami; arikw azovunagurika, ata wumukozeko.


ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.


Ubgiza bgawe ni bgo bgateye umutima wawe kwishira hejuru, igitinyiro cawe ni co cononnye ubgenge bgawe; ngutsinze hasi, nkurambitse imbere y’abami ng’ubabere akabarore.


ubgenge bgawe bginshi n’ubudandaza bgawe vyatumye ugwiza ubutunzi, maz’ ubgo butunzi bgawe bgateye umutima wawe kwishira hejuru.


riti Mwana w’umuntu, barira segaba w’i Tiro, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umutima wawe ko wishize hejuru, kand’ ukavuga, ng’ ur’ Imana, ng’ uvyagiye ku ntebe y’Imana hagati mu kiyaga; yamar’ ur’ umuntu buntu, ntur’ Imana, naho mu mutima wawe wigereranya na yo;


Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, Kand’ umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.


Ariko Hezekiya, ubuntu yagiriwe ntiyabumwishura, kuko yaciye yishira hejuru mu mutima; kubg’ ivyo uburake bg’Uhoraho buza kuri we no ku Bayuda no kuri Yerusalemu.


Arikw amaze kuba agahambaye, yishira hejuru mu mutima wiwe, bituma akora ivyo kugabitanya, acumura k’Uhoraho Imana yiwe; kuko yinjiye mu rusengero rw’Uhoraho ngo yosereze imibavu ku gicaniro ihora yoserezwako.


Nka ko uravuga, ngo Waratsinze Abanyedomu, uraheza wishira hejuru mu mutima wawe, urihayagiza; none rero n’ugume i muhira; n’iki gituma ugomba kwikwegera akaziri, mugapfa mwe n’Abayuda?


Nka ko waratsinze Abanyedomu, uraheza wishira hejuru mu mutima wawe: ego ni wihaye, arik’ ugume i muhira; n’iki gituma ugomba kwikwegera akaziri, mugapfa mwe n’ Abayuda?


maze muze mwirinde, imitima yanyu yoye kwishira hejuru, ngo mwibagire Uhoraho Imana yanyu yabakūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja,


Maz’ umwami w’i bumanuko azoshungumirwa, azorekuka arwane n’umwami w’i burārūko; azogomora ingabo nyinshi, maz’ ingabo z’umwami w’i burārūko zizogwa mu maboko y’umwami w’i bumanuko.


kuk’ umwami w’i burārūko azogaruka, akagomora ingabo ziruta iza mbere; hashize imyaka azozana ingabo nyinshi n’isanduruma y’intekera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite