11 Maz’ umwami w’i bumanuko azoshungumirwa, azorekuka arwane n’umwami w’i burārūko; azogomora ingabo nyinshi, maz’ ingabo z’umwami w’i burārūko zizogwa mu maboko y’umwami w’i bumanuko.
Mbona yēgereye iyo mpfizi y’intama, irayishamira, irayisekura, iyivuna ayo mahembe yompi; kand’ iyo mpfizi y’intama ntiyagira inkomezi zo kuyihagarara imbere, arikw iyo mpene iyikubita hasi, irayisiribanga; kand’ iyo mpfizi y’intama ntihāboneka ūshobora kuyikiza ya mpfizi y’impene.
Nuk’ umwami w’i bumanuko azoba ūkomeye; arik’ umwe wo mu baganwa biwe azomurusha ububasha, agire inganji; kand’ inganji yiwe izoba ihambaye cane.
Arikw inkuru zivuye i burasirazuba n’i burārūko zizomuhagarika umutima, azovayo afise uburake bginshi, ajanywe no kugeseza no gutikiza benshi.
kand’ ah’ abantu baba hose yaguhaye n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibiguruka vyo mu kirēre, ibishira mu kuboko kwawe, iguha kubiganza vyose. Nuko rer’ uwo mutwe w’izahabu ni wewe.
Kandi non’ ibi bihugu vyose mbishize mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje; ndamuhaye n’ibikōko vyo ku misozi kumukorera.
N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.
Maze haza umuntu w’Imana, abarira umwami w’Abisirayeli, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Abasiriya ko bavuze ng’ Uhoraho n’imana ikara mu misozi miremire, ngw Ariko s’imana ikara mu biyaya; ngo none rero, aya masinzi y’ingabo agiye kuyagabura mu maboko yawe, ngo Namwe muzomenya kw ari we Uhoraho.
Ako kanya umuntu avugishwa n’Imana arenguka imbere ya Ahabu umwami w’Abisirayeli, aramubarira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mbega ntubona izo ngabo ukuntu ar’ isinzi? ng’ Uyu musi arazigabura mu maboko yawe, ngo Nawe uca umenya kw ar’ Uhoraho.
Amaze kujana izo ngabo kw inyagano, azokwikakisha mu mutima; ariko nah’ azoba ahindikiranije ingabo ibihumbi n’ibihumbi, ntazoba anesheje rwose;
Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane.