Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 11:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Hanyuma abana biwe bazovyura intambara, bakoranye isinzi ry’ingabo nyinshi; zizotera zisendanishe, zidwēbēre mu gihugu, maze zizokebanuka zirwana, kugeza no kw iboma y’umwami w’i bumanuko.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 11:10
10 Referans Kwoze  

Ariko mu ngundu zo ku gishitsi c’i wabo hazovyuka ūzosubira ku ngoma ya se, azoja mu ngabo, atere amaboma y’ umwami w’i burārūko ayinjire, abaho abagire ukw agomba, agire intsinzi;


Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.


Ikiyaga kiradūze kīziye i Babuloni: harengewe n’isinzi ry’ imipfunda yaco.


Mber’ abazoba barya ku binōbōye vyiwe ni bo bazomufyonyora; ingabo ziwe zizotembanwa n’umuvo, benshi muri bo bahindikirane.


Maz’ ingabo zizoba zisebereye nk’uruzi zizotembanwa n’umuvo imbere yiwe, zihomvagurike; mbere n’ umukuru w’isezerano na we n’ uko.


Kand’ igihome kirekire kigukīngīra c’inzitiro zawe z’amabuye azogisangangura, agitsinde hasi, agishitse mw ivu, mbere no mu mukungugu.


Hanyuma uwo mwami na we azotera igihugu c’umwami w’i bumanuko, maz’ asubire mu gihugu ciwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite