7 Ni jewe Daniyeli gusa nabonye ivyo vyerekanywe, yamar’ abantu twari kumwe ntibabibonye, ariko bafatwa n’agatengo gakomeye, barahunga barihisha.
Abagabo bajanye na we bahagarara badakoma, kuko bumvise ijwi, ata muntu babona.
Kandi n’abo twāri kumwe umuco bārawubonye, ariko ntibumva ijwi ry’uwo tuvugana.
Aramwishura, ati Numvise ijwi ryawe mw itongo, ndatinya, kuko ndi gusa, ndinyegeza.
Kand’ ivyabonetse vyar’ ibiteye ubgoba, vyatumye Mose avuga, ati Mfise ubgoba cane, ndahinda agashitsi.
Injira mw isenga, wihishe mu mukungugu, uhunge ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe.
riti Mwana w’umuntu, uz’ urye ivyo kurya vyawe uhinda agashitsi, kand’ uz’ unywe amazi yawe uri mu gatengo uhagaritse umutima;
Har’ uwoshobora kwinyegeza ahantu hihishije ngo nanje sindamubone? ni jewe Uhoraho mbibajije. Mbega sinkwiye ijuru n’isi? ni jewe Uhoraho mbibajije.