Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 10:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kand’ umubiri wiwe wasa n’akabuyenge kitwa tarushishi, mu maso hiwe hasa n’umuravyo, amaso yiwe yasa n’imuri z’umuriro, amaboko yiwe n’ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, kand’ ijwi ry’amajambo yiwe ryari rimeze nk’iry’ ishengero ry’abantu.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 10:6
18 Referans Kwoze  

Inyonga ziwe n’imbeya z’umuriro, no mu mutwe yambaye imigāra myinshi, kand’ afise izina ryanditswe, nta wurizi atari we wenyene.


Ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco.


Nuko ngize ntya, mbona amakurudumu ane i ruhande y’abakerubi, ikurudumu imwe ir’ i ruhande y’umukerubi umwe, iyindi ir’ i ruhande y’uwundi, birtyo birtyo: kand’ ayo makurudumu ishusho yayo yar’ imeze nk’ akabuyenge kitwa tarushishi.


Kand’ iyo bigiye, numva guhinda kw’amababa yavyo, ni nko guhinda kw’amazi menshi, nk’ ijwi ry’Īshobora vyose, nk’uguhinda kw’ingabo: iyo bihagaze vyabumba amababa yavyo.


Ayo makurudumu, ishusho yayo n’ uburyo yakozwe vyari bimeze nk’ akabuyenge kitwa tarushishi; kandi yose ukw ar’ ane yarasa: ishusho yayo n’uburyo yakozwe, vyasa n’ah’ umenga n’ikurudumu isobekeranye n’iyindi.


Ivyo binyabugingo vyariruka bigakimirana, bisa n’imiravyo irabagiza.


irya gatanu ryari sarudonikisi, irya gatandatu ryari sarudiyo, iry’ indwi ryari kirusolito, iry’ umunani ryari berulo, iry’ icenda ryari topazi, iry’ icumi ryari kirusopuraso, iry’ icumi na rimwe ryari huwakinto, iry’ icumi na kabiri ryari ametusito.


Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro.


Arikw arasenga, ishusho yo mu maso hiwe ihinduka ukundi, imyambaro yiwe yera derere, irakayangana.


Kand’ ibirenge vyavyo vyar’ inambi; mu bgōro bg’ ibirenge vyavyo hari hameze nk’ imbere mu nzāra z’inyana: kandi vyakayangana nk’umuringa w’ umwakaka.


mu wa kane habe utwitwa tarushishi na shohamu na yasipi: tuze tugende turumikwa mu tugenegene tw’izahabu.


Ishusho yiwe yasa n’umuravyo, impuzu ziwe zera nka shelegi.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira, ut’ Umwana w’Imana, afise inyonga zisa n’imbeya z’umuriro, ibirenge vyiwe bisa n’umuringa w’umwakaka, aravuga ibi,


Intoke ziwe n’utuyogoyogo tw’izahabu zashizwek’ utubuyenge twitwa tarushishi, Umutumba wiwe umeze nk’ ihembe ry’inzovu ryabājwe, ryadombagijwek’ utwitwa safiro.


Nukw anshikanaho, ngize ntya mbona umuntu ahagaze ku kirimba, afise umugozi w’ubugwegwe mu ntoke, n’irenga ry’ikigeresho.


Ngize ntya, mbona nk’ūfise ishusho isa n’umuriro; kand’ uhereye ahobaye mu rukenyerero rwiwe ugasubiza ahahera hepfo, yar’ umuriro: uhereye ahobaye mu rukenyerero rwiwe ugasubiza ahahera haruguru, hāsa n’ibica ibibatsi, biboneka nk’umuringa w’ umujumbu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite