Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 10:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nunamuye amaso mbona umuntu yambaye impuzu zera, akenyeje izahabu nziza zavuye muri Ufazi.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 10:5
9 Referans Kwoze  

Nuko haza abantu batandatu baciye mu nzira yo mu kirimba co haruguru cārābana n’i burārūko, umuntu wese afise ikirwanishwa c’icicanyi mu kuboko kwiwe; kandi hagati muri bo har’ umuntu yambaye impuzu zera, afise agahembe karimwo wino yo kwandikisha, akambaye kw itako. Nuko baraza, bahagarara i ruhande y’igicaniro c’umuringa.


Bakoresha ifeza zātabatabge zavuye i Tarushishi, n’izahabu zavuye i Ufazi, ibikorwa vy’umuhinga, n’ivy’ amaboko y’umucuzi w’izahabu; bavyambika impuzu z’amasufe n’iz’ inyambarabami; vyose n’ibikorwa vy’abahinga.


Maze Yosuwa ari hafi y’i Yeriko, agize ngw arunamura amaso, abona umuntu imbere yiwe, yāsokōye inkota, ayifashe mu ntoke. Yosuwa aramwēgēra, aramubaza, ati Mbeg’ ur’ ūje ku ruhande rwacu, canke ku rw’abansi bacu?


Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk’icuma gikīngīra igikiriza,


Zekariya aravuga, ati Mw ijoro nagize ntya, mbona umuntu agendera kw ifarasi y’akagajo, ahagaze hagati y’ibiti vy’imihadasi vyo mu gasōko; kand’ inyuma yiwe hār’ amafarasi y’utugajo n’ay’ utunyomvyi n’ay’ ibitare.


Ubugororotsi buzomubera umukanda mu rukenyerero, mber’ ukwizigirwa kuzomubera umukanda mu mafyinga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite