3 Nta binōbōye narya, nta nyama canke vino vyangera no mu kanwa kandi sinaruha nīsīga amavuta, gushitsa ah’ ayo mayinga ukw ar’ atatu yose ashiriye.
Ariko weho, ni wisonzesha, wīsīge amavuta mu mutwe, wiyuhagire mu maso,
Nuko rero, ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y’imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo.
kand’ ibigirwamana vyabo na vyo, n’ibishushanyo vyavugutiwe, n’ibintu vyabo vyiza‐vyiza vy’imbombovu vy’ifeza n’ivy’ izahabu, azobinyaga abijane muri Egiputa; maz’ azomara imyaka aretse umwami w’i burārūko.
kandi ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umuja, kugira ngo kumbure mmaze kwigisha abandi, nanje ubganje sinze mboneke ko ntemewe.
Ni musahure amafeza, musahure n’amazahabu, kukw itunga ririho ritimirije gushira, bo n’isinzi ry’ ibintu vyose vy’imbombovu bihimbaye.
Nuk’ umwami asubira mu ngoro yiwe, akesha ijoro adafūnguye, ata n’ivyo kumunezereza bamuzanira; ntiyaruha agoheka.
Bigatuma umutima wiwe uhura ivyo kurya, Akazinukwa ibiryoshe.
Na Mefibosheti umwuzukuru wa Sauli aramanuka, aza gusanganira umwami; uhereye umusi umwami yagīriye, ugashitsa umusi yagarukiye i we amahoro, ntiyongeye kwiyoga ibirenge, canke ngw aringanize ubganwa, canke ngw amesure impuzu.
Ntiwansutse amavuta ku mutwe: arik’ uyu ansīze amavuta atāmirana ku birenge.
Maz’ arambgira, ati Nta co utinya, Daniyeli; kuk’ uhereye umusi washiriye umutima ku gutahura, no kwicisha bugufi imbere y’Imana yawe, amajambo yawe yarumviswe; kand’ ayo majambo yawe nyene ni yo anzanye.