21 Ariko ndakubarira ivyanditswe mu gitabo c’ivy’ ukuri: kandi nta wuriho wo kuntabara kubarwanya atari Mikayeli umugabisha wanyu.
Ariko segaba w’ ubgami bg’i Buperesi yamaze imisi mirongwibiri n’umwe andwanya. Hanyuma Mikayeli, umwe wo mu bagabisha bahambaye, aza kuntabara; nsigarayo mu bami b’i Buperesi.
Mw ijuru havyuka intambara. Mikayeli n’abamarayika biwe barwanya ca gisato: igisato kirwanana n’abamarayika baco.
Maz’ ico gihe Mikayeli azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw ico gihe umuntu wese wo mu bgoko bganyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka.
Ariko na Mikayeli, umumarayika mukuru, hamwe yatongana na wa Murwanizi, ahārīra na we bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumuhinyura ngw amucokore, ariko yamubgiye, at’ Uhoraho aguhane.
Amajambo y’abavugishwa na yo ahūye n’ivyo, nk’uko handitswe,
Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.
Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.
Kand’ ivyerekanywe vy’ubgira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ ukuri; arik’ ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kukw ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.
Ni k’Uhoraho agize, akora ivyo vyose, yabimenye uhereye ku kuremwa kw’isi.
Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.
Ambgira antahuza, ati Daniyeli, ubu nzanywe no kukwungura ubgenge.