20 Arambaza, at’ Urazi ikinzanye kuri wewe? Ubu ngira nsubireyo kurwanya segaba w’i Buperesi; kandi ni natabaruka, segaba w’i Bugiriki azoca aza.
Impfizi y’impene y’ibisambi ni we mwami w’i Bugiriki; kand’ ihembe rinini ryari hagati y’amaso yayo ni we mwami wabo wa mbere.
Ariko segaba w’ ubgami bg’i Buperesi yamaze imisi mirongwibiri n’umwe andwanya. Hanyuma Mikayeli, umwe wo mu bagabisha bahambaye, aza kuntabara; nsigarayo mu bami b’i Buperesi.
Uwo mwanya umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw adahaye Imana Rurema icubahiro, aturika inyo, aracīkāna.
Hanyuma y’ivyo mbona ikindi gikōko gisa n’ingwe; mu mbavu zaco cari gifise amababa ane, nk’ay’ igisīga; kand’ ico gikōko cari gifise imitwe ine; gihabga inganji.
Maz’ umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ar’ imihindigiti y’imivyimba.
Maz’ abantu bo mur’ ico gihugu badendebura amaboko y’Abayuda, bama bababurabuza mu kwubaka.