Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 10:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Uwasa n’umuntu yongera kunkorako, ansubizamw’ intege.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 10:18
16 Referans Kwoze  

Maze haza ūfise ishusho nk’iy’ abana b’abantu, akora ku munwa wanje; nca nteranura akanwa, ndavuga mbarira uwar’ ampagaze imbere, nti Databuja, ivyo neretswe vyatumye nsinzikazwa n’umubabaro, ndadendebukiwe.


Umumarayika aramwiyereka, avuye mw ijuru, amuha intege.


Akirikw aravugana nanje, nzimira ubgenge, ncurika umutwe hasi; maz’ ankorako, aramvyura.


mushobozwa n’ubushobozi bgose, nk’ukw inkomezi z’ubgiza bgayo ziri, ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero.


Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.


ngw abahe, nk’ukw itunga ry’ubgiza bgiwe riri, kuremeshwa n’ubushobozi imbere mu mitima mubihawe na Mpwemu wiwe:


Amazey’ imisi avayo, aca mu gihugu c’i Galatiya n’i Furugiya, aja mu bisagara uko bikurikirana, aremesha abigishwa bose.


ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.


Nuko haza ukuboko kunkorako, bituma mpfukamika amavi n’ibiganza njugumira.


Mbega yontwarisha ituntu ubushobozi bgayo buhambaye? Oyaye, arikw ivyanje yobishira ku mutima.


Nanje nobaremeshesha akanwa kanje, Kwirura kwo gupfa kubomboranya iminwa yanje kwoborohereza.


Maze Dawidi abonye ko Sauli amurondera ngw amwice, yigumira i Horeshi mu bugaragwa bg’i Zifu.


Nuko jewe ubganje Daniyeli mmaze kubona ivyo neretswe, ndondera uko nobitahura; mbona ikimpagaze imbere gifise ishusho nk’iy’ umuntu.


Umusi nagutakambiyeko waranyishuye, Undemeshesha gusubiza intege mu mutima wanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite