Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 10:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Maze haza ūfise ishusho nk’iy’ abana b’abantu, akora ku munwa wanje; nca nteranura akanwa, ndavuga mbarira uwar’ ampagaze imbere, nti Databuja, ivyo neretswe vyatumye nsinzikazwa n’umubabaro, ndadendebukiwe.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 10:16
29 Referans Kwoze  

Nuko jewe ubganje Daniyeli mmaze kubona ivyo neretswe, ndondera uko nobitahura; mbona ikimpagaze imbere gifise ishusho nk’iy’ umuntu.


arinkoza ku munwa, arambarira, at’ Ehe, iri rikoze ku minwa yawe; ukugabitanya kwawe ugukūweko, icaha cawe kirahongewe.


Maz’ Uhoraho arāmvura ukuboko ankora ku munwa; Uhoraho arambarira, at’ Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe.


Maze jewe Daniyeli nca ncika intege, mmara imisi ndwaye. Hanyuma mva hasi, nkora ibikorwa vy’umwami; ntangazwa n’ivyo neretswe, kandi nta wobitahura.


Nuko yēgēra aho nari mpagaze; anshikiriye ncika ivutu, nikubita hasi nubamye; maz’ arambarira, at’ Umve, yewe mwana w’umuntu, ivyo weretswe n’ivy’ igihe c’iherezo.


Ayo majambo agarukiye aho. Ariko jewe Daniyeli ivyiyumviro vyanje bimpagarika umutima, mu maso hanje harahindurira; arikw ayo majambo ndayabīka mu mutima wanje.


Maze jewe Daniyeli, umutima untunturiramwo, uhagarikwa n’ ivyo nabonye nerekewe mu mutwe.


kandi hagati y’ivyo biterekwakw amatara mbona uwusa n’Umwana w’umuntu, yambaye imyambaro ishika ku birenge, yambaye mu gikiriza umukanda w’izahabu.


Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


Bose baratangara. Uwo mwanya akanwa kiwe karazibūka, n’ururimi rwiwe ruragobodoka, aravuga, ashima Imana.


Ndavyumva, ariko sinabitahura; nca ndabaza, nti Databuja, ikizoherukira ibindi mur’ ivyo n’ikihe?


nkiriko ndavuga nsenga, wa mugabo Gaburiyeli nabonye mu vyo nabanje kwerekwa, aratumwa aguruka n’ingoga, anyegēra nko mu gihe co gutanga ikimazi ca ni kera.


Ukuboko kw’Uhoraho kwari kwarāye kunjeko ku mugoroba, iyo mpunzi itaraza; kandi yar’ agobotoye akanwa kanje uyo atarashika aho ndi bukeye mu gitondo; nukw akanwa kanje karagobodoka, ururimi ntirwari rukigobge.


Arikw igihe nzovugana nawe, nzogobotora akanwa kawe, nawe uz’ uheze ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ng’ Ūgomba kwumva ni yumve, ūtabigomba n’areke: kukw ar’ inzu y’abagarariji.


Hirya y’iryo tāzānure ryo hejuru y’imitwe yavyo hār’ igisa n’intebe y’ubgami imeze nk’akabuyenge kitwa safiro; kandi hejuru kur’ ico kintu casa n’intebe y’ubgami hār’ igisa n’umuntu.


Kuko mu bgenge bginshi harimw’ intuntu nyinshi, kand’ ūgwiza ukumenya aba agwije umubabaro.


Maze Manowa yinginga Uhoraho, ati Bgirukiro, ndakwinginze, wa muntu wawe wadutumako ni yongere agaruke kuri twebge, atubarire uko tuzogenza uwo mwana azovuka.


Aramwishura, ati Mbeg’ Abisirayeli nobakiza nte ga Mwami wanje? Inzu yacu kw ar’ iyo hasi mu muryango wa Manase, nanje nkaba nd’ umuhererezi kwa data!


Gideyoni aramwishura, ati Mugenzi, namb’ Uhoraho ari kumwe natwe, n’iki gituma ivyo vyose bitubako? Kandi vya bitangaza vyiwe vyose ba sogokuruza bātubarira biri hehe, bat’ Uhoraho ni we yadukūye muri Egiputa? Ariko noneho, Uhoraho yaradutaye, yatugabuye mu maboko y’Abamidiyani.


Aramwishura, at’ Ekāye: arikw ikinzanye ubu n’uko nd’ umugabisha w’ingabo z’Uhoraho. Maze Yosuwa arapfukama, arūnama, amuha icubahiro, aramubaza, ati Mugenzi, jewe umusavyi wawe non’ ico ugomba kumbarira n’iki?


Aramwishura, ati Mwami, ndakwinginze, rāba uwundi wese utuma.


Mose abarira Uhoraho, ati Mwami, mbega ko ntar’ imvuzi, bikaba bitantanguyeko ejo canke hirya y’ejo, cank’ ubu aho tuvuganiye, jewe umusavyi wawe: kuko ntabangutse mu mvugo canke mu rurimi.


Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.


Akirikw aravugana nanje, nzimira ubgenge, ncurika umutwe hasi; maz’ ankorako, aramvyura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite