13 Ariko segaba w’ ubgami bg’i Buperesi yamaze imisi mirongwibiri n’umwe andwanya. Hanyuma Mikayeli, umwe wo mu bagabisha bahambaye, aza kuntabara; nsigarayo mu bami b’i Buperesi.
Ariko na Mikayeli, umumarayika mukuru, hamwe yatongana na wa Murwanizi, ahārīra na we bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumuhinyura ngw amucokore, ariko yamubgiye, at’ Uhoraho aguhane.
Maz’ ico gihe Mikayeli azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw ico gihe umuntu wese wo mu bgoko bganyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka.
Mw ijuru havyuka intambara. Mikayeli n’abamarayika biwe barwanya ca gisato: igisato kirwanana n’abamarayika baco.
ar’i buryo bg’Imana, kuko yagiye mw ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi.
kuko twagomba kuza i wanyu, mbere jewe Paulo kubigomba si rimwe ni kabiri kose, Satani akatubuza.
Kandi munengeserezwa no kumubamwo, ni we mutwe w’ubukuru bgose n’ububasha bgose.
Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.
Nukw igikorwa c’ingoro y’ Imana ir’i Yerusalemu barakireka, gushitsa mu mwaka ugira kabiri Dariyo umwami w’i Buperesi ari ku ngoma.