8 Maze Daniyeli agira imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami, cank’ igiturire yuhira: ni co catumye yinginga uwo mukuru w’inkone, kugira ngo ntiyihumanye.
Ntuhindurire umutima wanje ku kibi na kimwe, Ngo mfatanye ibikorwa vyo kugabitanya N’inkozi z’ibibi: Noye gusangira na zo ibigemanije vyazo.
Arik’ ūkomeye mu mutima wiwe, adafise ikimuhambira, arikw ashobora gukora ivy’ agomba ubgiwe, yagabiye mu mutima kuzigama umukobga wiwe ngo ntarongorwe, azoba agize neza.
Mva i ruhande, mwa nkozi z’ibibi mwe, Kugira ngo nitondere amabgirizwa y’Imana yanje.
Nararahiye ndarengwa Yuko nzokwitondera imanza zawe zigororotse.
Nuk’ umwami agera ingaburo bahabga imisi yose ivuye ku vy’ umwami afūngura, no ku giturire yuhira, kandi ko bagaburirwa imyaka itatu; ngo ni yashira babone gukorera umwami.
Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu.
Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’ atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe.
Zimwe zārya ibinure vy’ibimazi vyabo, Zikanywa vino z’ibiturire bāshikana? Ni zihaguruke zibatabare, Zibe ari zo zibakingira!
Kandi bifatanya na Bayali‐Peyori, Barya ivyaterekerejwe imizimu.
Uti Non’ afise imigabo yo kwubaka ingoro y’izina ry’Uhoraho Imana yiwe, uti Nk’uk’ Uhoraho yabariye se wiwe Dawidi, at’ Umwana wawe nzosubiza ku ngoma yawe ni we azonyubakira ingoro y’izina ryanje.
ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso.
Ntugire umutima muke mu binoboye vyiwe, Kukw ar’ ivyo kurya vy’ uruhendo.
banywa ibiturire, bahimbaza imana z’izahabu n’iz’ ifeza n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye.