Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuk’ umwami abarira Ashipenazi, umukuru w’inkone ziwe, kuzana bamwe bo mu Bisirayeli bo mu nda y’ingoma, n’abo mu bapfasoni,

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 1:3
6 Referans Kwoze  

Kand’ abahungu bawe uzoba wīkūriye mu nda wavyaye bazobajana, bagirwe inkone zo kuba mu ngoro y’umwami w’i Babuloni.


Nukw ajana Yehoyakina i Babuloni, ajana n’ umugabekazi, n’abamikazi biwe, n’abamenyekana biwe, n’abaganwa bo mur’ ico gihugu, abakūra i Yerusalemu abajana i Babuloni ar’ inyagano.


Maze mu kwezi kw’indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya wa Elishama, wo mu nda y’ingoma, ari we umwe mu babgiriza bakuru b’umwami, azanana n’abantu cumi, aja kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa; nuko basangirira na we aho nyene i Mizipa.


Muzovyara abahungu n’abakobga, ariko ntibazoba abanyu, kuko bazoshorerwa ar’ inyagano.


Eh’ imisi izoza, ibiri mu ngoro yawe vyose, n’ivyo ba sogokuruza bābītse bigashitsa n’ubu, bizosahurwa bijanwe i Babuloni; nta kintu na kimwe kizosigara, ni k’Uhoraho agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite