17 Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.
Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa.
Arababarira, ati Ni mwumve amajambo yanje; asangwa muri mwebge har’ uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi.
Mu mwaka wa mbere Belushaza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Daniyeli yarose inzozi, abona ivyo yerekewe mu mutwe, ari ku buriri bgiwe. Maze yandika ivyo yarose, arobanuramw’ ingingo zavyo zikomeye.
None rero ndagusavye umpe ubgenge no gutahura, kugira ngo mmenye iyo bija n’iyo biva mur’ aba bantu. None ni nde yoshobora gucira imanza iri hanga ryawe, n’ukuntu ar’ irihambaye?