16 Nuk’ uwo mubgiriza aca abakūra kuri vya vyo kurya bāshingiwe, no ku giturire bāri bakwiye kunywa, abaha indya z’insoromano.
ati Ndakwinginze utugerageze twebge abasavyi bawe imisi cumi, baduhe indya z’insoromano, abe ari zo turya, n’amazi yo kunywa;
Nuko Daniyeli aca yinginga umubgiriza, uwo wa mukuru w’inkone yashizeho kurāba ivya Daniyeli na Hananiya na Mishayeli na Azariya,