Nuko yabacishije bugufi, yemera ko musonza, araheza abagaburira manu mutāri muzi, na ba sogokuruza banyu batigeze kumenya; kugira ngw abamenyeshe yuk’ umuntu adatungwa n’ivyo kurya gusa, arikw atungwa n’amajambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho.
uheze uze witegereze mu maso hacu no mu maso h’abasore barya ku vyo kurya vy’umwami; maz’ uk’ uzobona bimeze, abe ari k’uzotugenza, twebge abasavyi bawe.