Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nabonye Umwami Imana ahagaze i ruhande y’igicaniro, aravuga, ati Kubita imyashi y’inkingi, amatanguriro y’imiryango anyiganyige: uyibamenagurire ku mitwe yabo bose; kand’ ūzosigara muri bo wese nzomwicisha inkota: nta n’umwe muri bo azoshobora guhunga, nta n’umwe muri bo azokwikiza.

Gade chapit la Kopi




Amosi 9:1
28 Referans Kwoze  

Arikw Imana izomenagura imitwe y’abansi bayo, N’agahanga kamerak’ umushatsi k’umuntu wese ashishikara kugendera mu bimutsindisha.


Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,


Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.


Wasidukanywe no kuzanira abantu bawe agakiza, No kuzanira agakiza uwo warobanuje amavuta. Wasābije agatwe k’inzu y’ umunyakibi, Urayisangangura ushitsa no mu rukerēro. Sela.


Kuk’ umusi nzohanakw Abisirayeli ibigabitanyo vyabo, nzohana n’ibicaniro vy’i Beteli; kand’ amahembe y’igicaniro azocibga atsindwe hasi.


Mu mwaka Umwami Uziya yatanzemwo, nabonye Umwami Imana avyagiye ku ntebe y’ubgami ndende, ashizwe hejuru, impuzu yiwe y’igisāga yuzuye urusengero.


Kandi Yohana ashinga intahe, ati Nabonye Mpwemu amanuka ava mw ijuru asa n’inuma, aguma kuri we;


Amasho azokwigaramangira hagati muri ho, n’ibikōko vyose vyo mw ishamba: inkongori n’ibinyogoto bizokwībēra ku bisapfu vy’amazu yaho: amajwi yavyo azokwumvikanira mu madirisha; mu rwinjiriro rw’imiryango yaho hazoba amasakamburira, kuko yasitaguye amagarwe y’imbaho z’amasederi.


Nuk’ ubgiza bg’Uhoraho buradūga buva ku mukerubi, buhagarara imbere y’ irebe ry’ingoro; maz’ ingoro yuzura igipfungu, inyubakwa na yo yuzura ugukayangana kw’ubgiza bg’Uhoraho.


Nuko haza abantu batandatu baciye mu nzira yo mu kirimba co haruguru cārābana n’i burārūko, umuntu wese afise ikirwanishwa c’icicanyi mu kuboko kwiwe; kandi hagati muri bo har’ umuntu yambaye impuzu zera, afise agahembe karimwo wino yo kwandikisha, akambaye kw itako. Nuko baraza, bahagarara i ruhande y’igicaniro c’umuringa.


Nk’uk’ umunywamazi wo ku gicu usa ku musi w’imvura, ni k’ugukayangana kwari kumukikije hirya no hino kwasa. Ivyo vyari bimeze nk’ibisa n’ubgiza bg’Uhoraho. Mbibonye, nikubita hasi nubamye, numva ijwi ry’ūvuga.


Ūhunga ibiteye ubgoba azogwa mu rusumanyenzi; uwūrira ngw ave mu rusumanyenzi umutego uzomufata: kukw i Mowabu nzohashitsako umwaka wo kūzirwa kwabo, ni k’Uhoraho agize.


Yamara mwaravuze, mut’ Oya, ariko tuzoguruka ku mafarasi; kandi koko muzoba muhunga; kandi muti Tuzogendera ku y’impayamaguru; ni koko n’abazoba babirukana babakinagiza bazoba ar’ impayamaguru nyene.


Mikaya arongera, ati None rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Nuko mugenzi, nkigenda mu mashōka, mbona umuco uvuye mw ijuru, urusha ukw izuba rica ibibatsi, unkayanganira irya n’ino, twe n’abo tugendanye.


Haza umumarayika wundi, ahagarara ku gicaniro, afise icotero c’izahabu, ahabga imibavu myinshi ngw ayishire ku gusenga kw’abera bose kuri ku gicaniro c’izahabu kir’ imbere y’iyo ntebe.


Umwami Imana yaravuze, ati Nzobagarukana bave i Bashani, Nzobagarukana bave i bgina mu kiyaga:


Nuko rero nzobazanakw ivyago batazoshobora gukira, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazontakambira, ariko sinzobumva.


nukw inkota mutinya izobahamvyayo, mu gihugu ca Egiputa, n’inzara mutinya izobakurikirana no muri Egiputa; kandi ni yo muzogwa.


Kandi nzobatungīra igitsure; bazova mu muriro basubire mu wundi ubatongore; kandi namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, abo ni nabatungīra igitsure.


nuko rer’ uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umugore wawe azocika maraya mu gisagara, kand’ abahungu bawe n’abakobga bawe bazokwicishwa inkōta, n’itongo ryawe rizogabuzwa umugozi: nawe ubgawe uzogwa mu gihugu cāhumānye, kand’ Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo.


Maz’ ico gihe, muri Yerusalemu nzohaseranguza imuri, mpane abantu bīrāye nka vino yireretse ku mvūzo, bibgira mu mitima yabo, bat’ Ari ciza ari kibi, Uhoraho nta co azokora.


Nuko Yosuwa arababarira, ati Genda mutembagaze amabuye manini‐manini, muyugaze umuryango w’iryo senga, muheze muhashire ababarinda.


kand’ ibitabo aba Isaka bātavye ku mpinga z’imisozi bizosigara bitamāriwe, n’ahantu hēra h’Abisirayeli hazosangangurwa; kandi nzohagurukira inzu ya Yerobowamu nitwaje inkota.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite