Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 8:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Uhoraho arahiye ubgiza bga Yakobo, ati N’ukuri nkazokwigera nibagira ivyo bākoze, haba na kimwe!

Gade chapit la Kopi




Amosi 8:7
19 Referans Kwoze  

ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize. Umwami Uhoraho arirahiye, ati Nanka urunuka ubgibone bg’aba Yakobo, nzinutswe n’ingoro zabo; ni co gituma nzogabura igisagara n’ibirimwo vyose.


Bīhumanije birengereje: izokwibuka ibigabitanyo vyabo, izobahanira ivyaha vyabo, nk’uko vyabaye mu gihe c’i Gibeya.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Kandi mu mitima yabo ntibiyumvira yuko nibuka ivyaha vyabo vyose; noneh’ ibikorwa vyabo bibataye hagati, kandi biri mu nyonga zanje.


Yibgira mu mutima, at’ Imana yibagiye: Yipfutse mu nyonga hayo, ntizokwigera ibibona.


Kandi ntibazoba bacigishanya, ng’ umuntu wese yigishe mugenzi we, canke ngo yigishe uwo bavukana, ati Menya Uhoraho; kuko bose bazonyimenyera, uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’ icaha cabo sinzocibuka ukundi.


Icaha ca Yuda candikishijwe ikaramu y’icuma, n’ akabuye gasongoye kitwa alimasi: canditswe ku bisate, ari vyo mitima yabo, canditswe no ku mahembe y’ibicaniro vyabo;


Jewe, ni jewe nyene nsibanganya ibicumuro vyawe kubganje nyene, kand’ ivyaha vyawe sinzovyibuka ukundi.


Adutoraniriza umwandu wacu, Ni wo vyirato vya Yakobo, uwo yakunze. Sela.


Kuba umuco wākira amahanga, No kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.


Mwaturire Imana kw ifise ubushobozi, Ubgiza bgayo buri hejuru y’Abisirayeli, Ubushobozi bgayo buri mu bicu.


aravuga, at’ Uhoraho yamanitse ukuboko arahira kw azorwanya Abamaleki, kuva ku runganwe rumwe gushitsa ku rundi, birtyo birtyo.


at’ Imibavu mwoshereje mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu, mwe na ba sogokuruza n’abami banyu n’abaganwa banyu n’abantu bo mu gihugu, mbeg’ Uhoraho ntiyayibutse, ntivyinjiye mu mutima wiwe?


Umwami Uhoraho arahiye ukwera kwiwe, ati Rāba, imisi izobūbīra, bazobatwarisha ivyuma vy’ingobe, n’amasigarira yanyu bazoyatwarisha amagera aroba.


Ibaha kuba amahoro, bakayadibamamwo; Kand’ inyonga zayo izihanze ku nzira zabo.


Imana idūze mu mpundu, Uhoraho adūze mu majwi y’ inzamba.


Maz’ Uhoraho Nyen’ ingabo yihishurira mu matwi yanje, arambgira, ati N’ukuri, ivyo bigabitanyo ntimuzopfa muvyogejwe ngo bibaveko, ni k’Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite