Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 8:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Maz’ arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye igisimbo c’amatunda ahīshiye. Maz’ Uhoraho arambgira, at’ Amateka y’abantu banje b’Abisirayeli arahīshishijwe; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi.

Gade chapit la Kopi




Amosi 8:2
25 Referans Kwoze  

Maz’ Uhoraho arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye karisho. Nuk’ Umwami aravuga, ati Rāba, ngira ndekurire karisho hagati mu bantu banje b’Abisirayeli; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi:


Baraturyamiye, bituma tudashobora guca mu nzira zacu: Iherezo ryacu riri hafi, imisi yacu irashize; ni koko iherezo ryacu rirashitse.


Mbonye ibara! Kuko mmeze nk’igihe c’iyerūra ry’amatunda yo mu ci, nk’uduhūmbga two mu ruzabibu: ata n’agahando ko kurya; umutima wanje wifuza agasukoni k’isega.


Arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona umuzingo w’igitabo uguruka: uburebure bgawo n’amatambge mirongwibiri y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgawo n’amatambge cumi.


None rer’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzotuma uwo mugani uzimangana, ntibongere kuwuca mu Bisirayeli nk’umugani; arik’ ubabgire, ut’ Imisi irēgereje, n’ivyerekanywe vyose bigira bishike.


Maz’ arambaza, ati Mbeg’ ivyo urabibonye ga mwana w’umuntu? Mbeg’ ab’ inzu ya Yuda kibabereye ikibangutse gukora ivyo bizira bakorera hano hantu? Kukw igihugu bacujuje umuryano, bakongeranya kwihindagura ngo bandatse: mbere bagashira udushami ku mazuru yabo.


Maz’ arambaza, ati Mwana w’umuntu, mbeg’ ubonye ivyo abakuru b’inzu ya Isirayeli bakorera mu mwiza, umuntu wese mu gafuruka kiwe k’ibishushanyo? Kuko bavuga ng’ Uhoraho ntatubona; kandi ng’ Uhoraho yahevye igihugu.


Maz’ arambaza, ati Mwana w’ umuntu, mbeg’ ubonye ivyo bakora? Ubonye n’ibizira bikomeye, ivyo ab’ inzu ya Isirayeli bakorera hano vyanteye kwīgira kure y’ ahēra hanje? Arik’ uhava wongera kubona ibindi bizira bikomeye.


Umuhero urashitse, umuhero urashitse, urakuvundurukiye: eh’ uraje!


Maz’ arongera arambarira, ati Mwana w’umuntu, amajambo yanje yose nzogenda nkubarira uz’ uyākīre mu mutima wawe, uyumvishe n’amatwi yawe.


Arikw inzu ya Isirayeli ntizokwumvira, kuko nanje banse kunyumvira: kukw ab’ inzu ya Isirayeli bose mu ruhanga rwabo ar’abanyakadāda, bikomantaje imitima.


Nanje rāba ngerereye i Mizipa, kugira ngo nshikirweko n’Abakaludaya mu vyo bazombarira vyose, ni baza ino: ariko mweho, mwamure inzabibu za vino n’ivyo ibiti vyama na elayo z’amavuta, mubishire mu mibindi yanyu, mwibere mu bisagara vyanyu mwegukiye.


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


kandi n’ishurwe ry’ubgiza bg’icubahiro ciwe rikabiranye, riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane, na ryo rizomera nk’insukoni y’isega, ici ritarasohora: ūyikubise ijisho, akiyishikana mu ntoke akayiyongobeza ako kanya.


Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe ngira ngutērēre inkota, nkuranduremw’ abantu n’ ibitungano.


Imana ibarira Nowa, iti Ndamaramaje guherengeteza abari n’ umubiri bose, kukw isi yuzuye umuryano kubgabo; nuko nzobarandurana n’isi.


Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ngize ntya, mbona igisimbo c’amatunda ahīshiye.


Imisi yo kuzirwa kwabo irashitse, imisi yo gusubirizwa mu nkōko irashitse; Abisirayeli bazobimenya; ūvugishwa n’Imana yabaye igipfu, ūvugishwa na Mpwemu yāsaze, basarishijwe n’isinzi ry’ibigabitanyo vyawe, n’uk’ ubgansi ari bginshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite