Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 8:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kandi bazonyavuta bakubite ku kiyaga baje ku kindi; bazojarajara bakubite n’i burārūko baje n’i burasirazuba, kugira ngo barondere ijambo ry’Uhoraho, yamara ntibazoribona.

Gade chapit la Kopi




Amosi 8:12
14 Referans Kwoze  

Ūtamperereyeko n’umwansi wanje, kand’ ūdasukiranya nanje arasanzaza.


Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.


Umucokoranyi arondera ubgenge ntabubone, Arik’ ukumenya kuroroshe ku muntu akerebutse.


Kand’ iyo mushikana amashikanwa, mugatanga abana banyu kw ibimazi ngo boswe mu muriro, ntimuba mwihumanishije ivyo bigirwamana vyanyu vyose, gushitsa na bugingo n’ubu? None noshobora nte ko mwogira ico munsiguza, ga mwebge ab’ inzu ya Isirayeli? Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, nkazogira ico nsiguzwa namwe.


riti Mwana w’umuntu, vuga, ubarire abakuru b’Abisirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Mbega mwazanywe no kugira ico munsiguza? Ndahiye ukubaho kwanje, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze, nta co nzosiguzwa namwe.


Uwo mwana Samweli yakorera Uhoraho imbere ya Eli. Kandi mur’ iyo misi ijambo ry’ Uhoraho ryari risigaye ar’ imbonekarimwe, nta kwerekwa na we kwari kukiriho cane.


Iyo hatar’ uguhishurirwa, abantu bīgira uko bagomba, Arik’ uwitondera ivyagezwe aba ahiriwe.


Ni ho bazontakambira, ariko sinzobishura; Bazondondera ubudahumeka, ariko ntibazombona:


Bazojana imikuku yabo n’amasho yabo baja kurondera Uhoraho, ariko ntibazomubona! Azoba yitandukanije na bo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite