Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 8:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Imisi mikuru yanyu nzoyihindura umuborogo, n’indirimbo zanyu zose zicike agacurantimba; kandi bose nzobakenyeza amagunira, imitwe yose imobge inkomvorera; kandi nzobatera umuborogo nk’uwo baborogera umwana w’umuhungu w’ ikinege, amaherezo yavyo abe umusi w’akabonge.

Gade chapit la Kopi




Amosi 8:10
30 Referans Kwoze  

Ewe Yerusalemu, wa mukobga ari bo bantu banje, kenyera amagunira, wikumbagaze mu minyota: vuza induru nk’ūyivugiriza umwana wiwe w’ikinege, uborogane akabonge kenshi; kuk’ umugeseza agira adushikeko giturumbuka.


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Kandi bazokenyera amagunira, ubgoba bubatwikire, kandi mu maso ha bose hazogira ibitētērwa, no ku mitwe ya bose hazoba inkomvorera.


Kukw imitwe yabo yose imowe inkomvorera, n’ ubganwa bgose bumowe; ku maboko yose har’ ibikebagure, no mu rukenyerero hose hakenyeye amagunira.


Igihe agira ahāze inda yiwe, Imana izomusukak’ uburake bgayo bg’inkazi, Izobumucuncuburirako akirikw ararya.


Nzomucakw ibitwengo, n’imisi mikuru yaziririza, bo n’ imboneko z’amezi n’amasabato n’ imisi mikuru yose yashinzwe.


Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.


Kur’ uwo musi indirimbo zo mu ngoro zizohinduka umuborogo, ni k’Umwami Uhoraho agize; imivyimba izoba myinshi: ahantu hose bazoyishiburira hanze mu gacerere.


Nkūra urwamo rw’indirimbo zanyu mu matwi, kuko ntagomba kwumva guhibongoza kw’inanga zanyu.


Umwiza n’igitūtu c’urupfu biwugire uwavyo, Igicu kiwubarareko: Ivyīrīsha ubgīrakabiri vyose biwutere ubgoba.


Kandi muze munezererwe iyo misi mikuru, mwe n’abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’ Abalewi, n’inyambukīra, n’impfuvyi n’abapfakazi bar’ i wanyu.


Aragenda, yicara amutumbereye amwitanguye, nk’ahoraswa umwampi; kuko yari yibgiye, ati Noye kurāba ipfa ry’ umwana wanje. Nuko yicara amutumbereye, araturika ararira.


Kand’ umugabo ni yavunguka umushatsi, buzoba ar’ ubuhanza, ariko ntazoba ahumanye.


Maze mu gishingo c’imbazi hazoba umunūko; mu gishingo c’ikimano c’ubudede hazoba umugozi; mu gishingo c’umushatsi utsivye hazoba inkomvorera; mu gishingo c’impuzu y’igisāga hazoba igunira; n’ibikovukovu mu gishingo c’amarangi.


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Umunezero wo mu mitima yacu urashize; Imvyino zacu zahindutse amaborogo.


riti Nawe, mwana w’umuntu, uku ni k’Umwami Uhoraho abarira igihugu c’Abisirayeli, at’ Umuhero! Umuhero ushitse mu mpande zine z’igihugu!


Boroga nk’inkumi ikenyeye amagunira iririra uwar’ ayikoye.


Nzinutswe imisi mikuru yanyu, ndayigaye, kandi simpimbawe na gatoya n’amakoraniro yanyu y’agahebuza.


Ni co gitumye inanga yanje isigaye ar’ agacurantimba, N’umwironge wanje ugahinduka ijwi ry’abarira.


Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite