Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 7:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ibi ni vyo yanyeretse: ehe rāba, Umwami Imana yar’ ahagaze i ruhande y’uruzitiro rw’ amabuye rwubakishijwe karisho, afise karisho mu ntoke.

Gade chapit la Kopi




Amosi 7:7
13 Referans Kwoze  

Kand’ umugozi nageresheje i Samariya ni wo nzogeresha i Yerusalemu, mpagereshe na karisho nageresheje inzu ya Ahabu; kandi nzohanagura Yerusalemu, nk’uk’ umuntu ahanagura isahani, agaheza akayubika.


Uwavugana nanje yar’ afise irenga ry’izahabu ry’ikigeresho, kugira ngw agere uwo murwa n’ibirimba vyawo n’urugo rwawo.


Bampa irenga rimeze nk’inkoni, bati Va hasi ugere urusengero rw’Imana n’igicaniro n’abarusengeramwo.


Nukw anshikanaho, ngize ntya mbona umuntu ahagaze ku kirimba, afise umugozi w’ubugwegwe mu ntoke, n’irenga ry’ikigeresho.


Uhoraho yagabiye gusangangura uruzitiro rw’umukobga w’i Siyoni: Yahageresheje umugozi, ntararuha apfunya ukuboko ngw areke guhonnya; Yateye igihome n’uruzitiro kuboroga; vyiheburiye hamwe.


Arikw inkongori n’ibinyogoto ni vyo bizocegukira, ibihuna n’ibikona na vyo bizokibamwo; azohageresha umugozi, ni wo bitongozi, na karisho, ni ko gusigara ubusa.


Kand’ imanza ziroranye ni zo nzogira umugozi ugera, n’ubugororotsi nzobugira karisho: urubura ruzovumbura ubgo buhungiro bg’ibinyoma, kand’ amazi azosendanisha aho hantu ho kwinyegeza.


Maz’ anesha Abanyamowabu, abarambika hasi mu mirongo, abageresha umugozi: agera imirongo ibiri, iba iyo kwicwa, uwa gatatu wose uba uwo guhangazwa. Nukw Abanyamowabu baca baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari.


Kand’ Uhoraho yar’ ahagaze hejuru yaco, aramubarira, ati Nd’ Uhoraho, Imana ya Aburahamu sogokuru, Imana ya Isaka: iki gihugu uryamyemwo, nzokiguha, mwe n’uruvyaro rwawe;


Nuk’ Uhoraho aca arīgarura, ati N’ivyo nyene ntibikibayeho; ni k’Umwami Uhoraho yavuze.


Maz’ Uhoraho arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye karisho. Nuk’ Umwami aravuga, ati Rāba, ngira ndekurire karisho hagati mu bantu banje b’Abisirayeli; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi:


Mbega har’ uwogaya ibikir’ umugero ku musi w’intangamarāra? Bazonezerwa babonye karisho mu ntoke za Zerubabeli. Ya yandi ndwi ni zo nyonga z’Uhoraho, zinyuranganya mw isi yose hirya no hino.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite