6 Nuk’ Uhoraho aca arīgarura, ati N’ivyo nyene ntibikibayeho; ni k’Umwami Uhoraho yavuze.
Asenga Uhoraho, ati Mbega, Uhoraho, si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Ni co catuma nshōka mpungira i Tarushishi; kuko namenye k’ur’ Imana y’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.
Maz’ Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye, bakareka inzira yabo mbi; nukw Imana irīgarura ngo ntibatēze ivyago yari yabagereye, ntiyabibatēza.
Nuk’ Uhoraho aca arīgarura, ati Ntibikibayeho; ni k’Uhoraho yavuze.
Mbega Hezekiya umwami w’i Buyuda n’Abayuda bose mugira ngo bāramwishe? Hezekiya ntiyaciye atinya Uhoraho, akamukomera ibobo, Uhoraho na we akīgarura akareka ivyago yari yabageneye? Twogira ico tumugira twoba dukwegeye ubugingo bgacu ivyago bihambaye.
Kuk’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe, Kand’ azokwirimbūra ku vyo agirira abasavyi biwe.
Ewe Uhoraho garuka; uzogeza ryari? Ni wīrīmbūre ku vy’ugirira abasavyi bawe.
Baraheza bakūraho izo mana z’inyamahanga, basubira gusaba Uhoraho, na we aca agira ikigumbagumba mu mutima kubgo kubona imibabaro y’Abisirayeli.
Kand’ uk’ Uhoraho yabaha umucamanza, yaba kumwe n’uwo mucamanza, akabakiza, akabakūra mu maboko y’abansi babo igihe cose uwo mucamanza akiriho, kuko vyamutera akagongwe kwumva iminiho yabo banihishwa n’ababahahaza bakabacuranguza.
Uhoraho aravuga, at’ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu n’igikōko n’ icikwega n’ikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye.
Akabibukira isezerano yabasezeraniye, Akagarukana umutima, nk’ ukw isinzi ry’imbabazi ziwe riri.
ati Ni mwakomeza kuguma mur’ iki gihugu, azobubaka, ntazobasambura; azobatēragira, ntazobarandura: ngo Kuko yigaruye mu vyago yabateje.
imitima yanyu abe ari yo mutabura, ariko s’impuzu zanyu, kandi mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu: kukw ar’ inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.
Ibi ni vyo yanyeretse: ehe rāba, Umwami Imana yar’ ahagaze i ruhande y’uruzitiro rw’ amabuye rwubakishijwe karisho, afise karisho mu ntoke.
Nuk’ Uhoraho arīgarura, areka ivyo vyago yari yavuze gutēza abantu biwe.
Imana ituma umumarayika i Yerusalemu ngw ahageseze; maz’ akigira ngw ahageseze, Uhoraho aravyitegereza, arīgarura, abuza ivyo vyago, abarira uwo mumarayika yageseza, ati Birahaye: garukana ukuboko kwawe. Kand’ uwo mumarayika w’ Uhoraho yar’ ahagaze i ruhande y’imbuga ya Orunani Umuyebusi.
Ariko yo, kuko yuzuye imbabazi, iharira ukugabitanya kwabo, ntibahonnye, Mbere kenshi iroresha irya uburake bgayo, Ntikangure uburake bgayo bgose: