Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 7:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, Umwami Uhoraho yahamagaye umuriro ngw awucishe amateka; ufyeta i bgina hahambaye, kandi wagira utōngōre n’igihugu.

Gade chapit la Kopi




Amosi 7:4
22 Referans Kwoze  

Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, yarikw arazana inzige, ibirīra bigitanguye kumera; kand’ ivyo birīra n’ivyāmeze ah’ umwami ahejeje gutemesha.


Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.


Kand’ ivy’ abamarayika yarabivuze, it’ Ihindura abamarayika bayo imiyaga, Abasavyi bayo ibahindura imbeya z’umuriro.


Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’ ubushangashirwe bgiwe? Kandi ni nde yoshobora kwihanganira uburake bgiwe bukaze? Uburake bgiwe busukwa nk’umuriro, kandi ni we amenagura ibitandara.


Imisozi izoshongera musi yiwe, n’imyonga isaduke, bibe nk’ishashara ir’ imbere y’umuriro, canke nk’amazi arindimuka ku gatembge.


Ibi ni vyo yanyeretse: ehe rāba, Umwami Imana yar’ ahagaze i ruhande y’uruzitiro rw’ amabuye rwubakishijwe karisho, afise karisho mu ntoke.


Jewe Uhoraho abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho; noye kuzosūmira inzu ya Yosefu nk’ umuriro, nkayitongora, i Beteli hataribuboneke uwo kuyizimya.


Nasanganguye ibisagara bimwe vyanyu nko mu gihe jewe Imana nahenebereza Sodomu na Gomora, muba nk’ igishirīra cokowe mu muriro: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Gaza, utongore ingoro zaho;


nuko nzokwanda umuriro inzu ya Hazayeli, utongore ingoro za Beni‐hadadi.


Nzoshira utwumiza mw ijuru no mw isi: amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi.


Ewe nzu ya Dawidi, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye uko bukeye, mukize ūnyazwe mumukūre mu kuboko kw’ūmuhahaza, uburake bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


Enda ni mukebge, munyiyegurire jewe Uhoraho, mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, mwebge bagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu; ubushangashirwe bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


Nta burake mfise. Iyaba imikere n’ amahwa vyari bimpagurukiye kuntera, nobirwanije nkabiyigiriza hamwe:


Kuk’ umuriro w’uburake bganje udometswe, Wātse, ugashika hasi i kuzimu, Ugatōngōra isi n’ivyeze kuri yo, Ukadomeka amatanguriro y’ imisozi.


Umuriro uva k’Uhoraho, uyigiza ba bagabo amajana abiri na mirongwitanu bosheje imibavu.


Haza umuriro uvuye imbere y’Uhoraho, urabīca, bagwa aho imbere yiwe.


Ewe Uhoraho, ni wewe ntakambiye: kuk’ umuriro waturiye ubgatsi bgo mu bgeranyange, kand’ ibirimi vyawo vyaturiye ibiti vyose vyo ku misozi.


Nuko nzokwanda umuriro i Buyuda, utongore ingoro z’i Yerusalemu.


ico gihugu ukibarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize: ngw Ehe nzohigūra namwe, kandi ngira nsokōre inkota yanje mu rwubati rwayo, ndirike abagororotsi n’abanyakibi muri wewe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite