Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 7:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, yarikw arazana inzige, ibirīra bigitanguye kumera; kand’ ivyo birīra n’ivyāmeze ah’ umwami ahejeje gutemesha.

Gade chapit la Kopi




Amosi 7:1
14 Referans Kwoze  

Imiranga y’inzige zikegeta yariwe n’izāraraye; imiranga y’izāraraye yariwe n’izitaragurika; imiranga y’izitaragurika yariwe n’iziyigiza.


Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ngize ntya, mbona igisimbo c’amatunda ahīshiye.


Nabateje kurumvya bo n’ururyi: isinzi ry’ imirima yanyu yakegeswe n’inzige, bo n’inzabibu zanyu, n’imisukoni yanyu, na elayo zanyu: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


Kandi nzobashumbusha iyo myaka mwamaze inzige zisanganguye ivyanyu, zimwe zāraraye n’izitaragurika n’iziyigiza n’izikegeta, ni zo za ngabo zanje nabagomoreye ngo zibatere.


Maz’ Uhoraho anyereka abacuzi bane.


Ibi ni vyo yanyeretse: ehe rāba, Umwami Imana yar’ ahagaze i ruhande y’uruzitiro rw’ amabuye rwubakishijwe karisho, afise karisho mu ntoke.


Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, Umwami Uhoraho yahamagaye umuriro ngw awucishe amateka; ufyeta i bgina hahambaye, kandi wagira utōngōre n’igihugu.


Mperako mbarira abājanywe ar’ inyagano ivyo Uhoraho yanyeretse vyose.


Uhoraho aranyereka, mbona ibisimbo bibiri vy’insukoni biteretse imbere y’urusengero rw’ Uhoraho, igihe Nebukadineza umwami w’i Babuloni yar’ amaze kujana Yekoniya mwene Yehoyakimu, umwami w’i Buyuda, kw inyagano, bo n’abaganwa b’i Buyuda n’ababāji n’abacuzi, abakūra i Yerusalemu abashikana i Babuloni.


Bazovumbura iminyago mwanyaze nk’ukw inzige zivumbura, bazoyigwako nk’uk’ ubuyige bg’intōteza bugwa.


Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite