Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 6:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!

Gade chapit la Kopi




Amosi 6:1
26 Referans Kwoze  

Mwidibamiye mw isi, mwihaye ibibahimbara: mwifunereje mu mitima ku musi wo gukekagurwa.


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Maz’ ico gihe, muri Yerusalemu nzohaseranguza imuri, mpane abantu bīrāye nka vino yireretse ku mvūzo, bibgira mu mitima yabo, bat’ Ari ciza ari kibi, Uhoraho nta co azokora.


Nukw abo bantu ukw ari batanu baragenda, bashika i Layishi, bitegereza abantu baho, babona ingene bīrāye nk’ukw ab’ i Sidoni basanzwe bamera, bitekerereje ata co bīnona, ata co babuze mur’ ico gihugu, bifitiye ubutunzi; babona n’ingene baba kure y’ab’i Sidoni, n’ingene batifatanya n’umuntu wundi n’umwe.


Nk’uko yabigabiye ubgayo, yatuvyarishije ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo.


Ni muhaguruke mudūge, muje kw ihanga ryidibamiye, ryibereye aho ata co ryinona, ritagira imyugariro cank’ ibihindizo, ryibera aho ukwaryo, ni k’Uhoraho agize.


Abanyavyaha b’i Siyoni baratinye; agatengo gafashe giturumbuka abatubaha Imana. Muri twebge ni nde yoshobora kubana n’umuriro utongora, kandi muri twebge ni nde yoshobora kubana n’ikibengebenge kidahengeshanya?


Muyikorere amaganya yanyu yose, kukw ibababara.


Abarahira ubuyobe bg’i Samariya, bati Nk’ ukw imana yawe ihoraho, ewe Dani; kandi bati Nk’uko bga bgirukiro bgawe bur’ aho, ewe Beri‐sheba: na bo nyene bazogwaho, ntibasubire kuvyuka ukundi.


Ntimwizigire amagambo y’ibinyoma, avuga ngo Nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho!


bukeye agura na Shemeri umusozi w’i Samariya, atanga italanto zibiri z’ifeza, yubaka kur’ uwo musozi; umurwa yubatse awita Samariya, awitiriye Shemeri nyen’ uwo musozi.


Ewe kuntu igisagara cari cuzuye abantu gisigaye cicaye ubusa! Ukuntu cahindutse nk’umupfakazi! Icar’ agakomeye mu mahanga, kikaba umwamikazi mu ntāra, Ukuntu gisigaye gishikanira abandi!


Mowabu hamye hidibamiye uhereye mu buto bgaho, hireretse ku mvūzo, ntihāsukanuwe ngo have mu mubindi haje mu wundi, ntihājanywe kw inyagano; ni co gituma uburyohe bgaho bukiri muri ho, n’ubumote bgaho ntibutītūke.


Imitima yacu iduhiwe cane N’agacokoro k’abidibamiye, N’agakēngērwe k’abībone.


ati Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi: ni co gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose.


Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo!


Ni co kizotuma mbambukanisha mur’ inyagano hirya y’i Damasiko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kand’ izina ryanje nd’ Imana Nyen’ ingabo.


Gukomantaza imitima kw’ imburabgenge kuzozica, Kand’ ukugubga neza kw’ibipfu kuzobihonnya.


Isirayeli yar’ uwo nirobanuriye, jewe Uhoraho, yar’ umushuzo mu bikikimvye vyanje. Abazomurya bose bazobakw igicumuro; ivyago bizobazako, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Reka nje ku bakuru, mvugane na bo; kuko bo bazi inzira y’Uhoraho, n’ukuroranya kw’Imana yabo. Ariko na bo nyene bāhūrije inama hamwe kuvuna ingōgo no gucagagura imvuto.


Abanyavyaha bose bo mu bantu banje bazokwicwa n’inkota, kand’ ari bo bavuga, bat’ Ivyago ntibizoduhamvya canke ngo duhūrire imbere.


Maze ndavuga, nti Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu ba Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli: mbega si mwebge mwari mukwiye kumenya imanza ziroranye?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite