Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Jewe Uhoraho abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho; noye kuzosūmira inzu ya Yosefu nk’ umuriro, nkayitongora, i Beteli hataribuboneke uwo kuyizimya.

Gade chapit la Kopi




Amosi 5:6
28 Referans Kwoze  

Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw abonwa, ni mumwambaze akiri hafi:


Ivyiza abe ari vyo mushishikara, ariko s’ibibi, kugira ngo mubone kubaho: ni ho Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azobana namwe, nk’uko mwavyibgira.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho abariye inzu ya Isirayeli, at’ Abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho:


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.


bakanywesha vino ivyato, bakīsīga amavuta yinjiye; ariko ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu.


uz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Rāba ngira nābīre inkoni ya Yosefu, iri mu kuboko kwa Efurayimu, n’ imiryango y’Abisirayeli bīherereje kuri we; maze mbungikanye n’ inkoni ya Yuda, mbagire inkoni imwe, ngo babe umwe mu kuboko kwanje.


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


Enda ni mukebge, munyiyegurire jewe Uhoraho, mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, mwebge bagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu; ubushangashirwe bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


Umunyenkomezi azohinduka nk’ibisūsūrwa, n’igikorwa ciwe nk’ isase ry’umuriro; vyompi bizohīra hamwe, kandi nta wuzobizimya.


Kandi Yerobowamu uwo yar’ umuntu w’umuhinga; nuko Salomo abonye uwo musore kw ar’ umukozi w’umunyamwete, amugira umukoresha w’ibikebere vyose vy’abo mu muryango wa Yosefu.


kuko jewe umusavyi wawe ndazi ko nacumuye; ni co gitumye uyu musi mbaye uw’intangamarāra mu muryango wa Yosefu wose kumanuka kugusanganira, mwami wanje nyen’ ingoma.


Baze bakigaburemw’ imigabane ndwi; Abayuda bazoguma mu mugabane wabo i bumanuko, n’aba Yosefu bagume mu wabo i burārūko.


Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ umuriro utōngōra, ar’ Imana ifūha.


Umuriro ni waccroka, ugafata uruzitiro rw’amahwa, ukarandagata, hagasha imikama y’ ingano, cank’ izigihagaze, cank’ umurima wose, uwacanye uwo muriro ntaz’ abure kubiriha.


Wavuze, uti Ni murondere mu nyonga hanje; umutima wanje urakwishuye, Uti Mu nyonga hawe ndaharondera, Uhoraho.


Mutege amatwi, muze kuri jewe; munyumve, ni ho ubugingo bganyu buzobaho; nanje nzosezerana namwe isezerano ritazoshira, ni ryo mbabazi Dawidi yasezeraniwe zitazovaho.


Kuk’ umusi nzohanakw Abisirayeli ibigabitanyo vyabo, nzohana n’ibicaniro vy’i Beteli; kand’ amahembe y’igicaniro azocibga atsindwe hasi.


Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’ Uhoraho.


Kuk’ umuriro w’uburake bganje udometswe, Wātse, ugashika hasi i kuzimu, Ugatōngōra isi n’ivyeze kuri yo, Ukadomeka amatanguriro y’ imisozi.


muti Kuko bāmuvuyeko, bakosereza imibavu izindi mana, muti Bakamutēza umwikomo ibikorwa vyose vy’intoke zabo; muti Ni co kizotuma uburake bgiwe busukwa aha hantu, ntihagire ikibuzimya.


Kuk’ Uhoraho yumva abakene, Ntakēngēra imbohe ziwe.


Yeremiya aramwishura, ati Ntibazobaguha. Ndakwinginze, wumvire Uhoraho mur’ ivyo nkubariye: ni ho uzomererwa neza, ukikiza.


ico gihugu ukibarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize: ngw Ehe nzohigūra namwe, kandi ngira nsokōre inkota yanje mu rwubati rwayo, ndirike abagororotsi n’abanyakibi muri wewe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite